Burundi : Amatohoza: Ikete bivugwako ryanditswe n’impunzi ziri mu Rwanda

Kur’uyu wa 3 myandagaro 2020, hiriwe amajambo atari make ku mbuga ngurukana bumenyi kw’ikete impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda bivugwako banditse aho na reta y’uburundi itatevye kugira ico ibivuzeko.

Urwo rwandiko ruvurwako arurw’impunzi z’abarundi bashika 331 bandikiye umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye kwigenekerezo rya 26 mukakaro 2020 bamusaba imbabazi bongera basaba ko reta zose zovugana hamwe na HCR bagatahukanwa mw’iteka bongera bamenyesha ko hari abanyepolitike be n’ibimenyeshamakuru bitipfuzako bataha, rushobora kuba rurimwo amahinyu.

Nk’uko ikinyamakuru Itara Burundi cabikurikiranye, hari umuntu yitwa Nishirimbera Apollinaire kwigenekerezo rya 29 mukakaro 2020 yacishishije muri groupe whatsapp yiwe yiwa « Les AfricaisnsSeLèvent » yararungitse ubutumwa bw’amajwi ateranya abarundi bahunze abagaburamwo mu migwi nk’uko abakunzi b’itara Burundi babivuga, ico kiyago akaba arico kikibandanya aho bivugwako yinjije na Kenney Claude Nduwimana azwi mukubiba amacakuniri kugira ayiremeshe.

« Abikika mu kiza mugukamisha amakuba y’abanyagihugu b’impunzi ziri mu Rwanda harimwo J Kazabukeye ni abasazi, bashavujwe n’ivyo mperutse gushira ahabona. Bashakako ibintu biguma uko bimeze kugira bagume begeranya amafaranga. Umuti wanje wabafashe, ngiye kwongereza dose(ubumara).»

TWEET YO KUR’UYU wa mbere igekekerezo rya 3 myandagaro 2020 ya Apollinaire Nishirimbere

Aho ni mugihe Kenney Claude Nduwimana azwi mumajambo abiba urwanko rw’abatusti aheruka kwita Imbwa uwo Kazabukeye, Médard Muhiza akamwita Inyenzi, vyose kikaba vyavuyeko bamusanze muri groupe yari jinjiyemwo kurondera amakuru, Abakunzi b’ Itara Burundi babibonye bakatumenyeshako harimwo abategetsi muriyo groupe ya Apolinaire bitumvikana ko hovugirwamwo amazina yakoreshejwe mw’ihonyabwoko ryakorerwe abatutsi mu Rwanda 1994 hanyuma abayavuze bakaguma bidegemvya, bakibazako boba harimwo ukuboko kwa reta mubivugwamwo.

Amajambo yakoreshwa n’interahamwe mu Rwanda 1994 mw’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi twabikuye muri groupe ya Apollinaire
Uwo Muhiza aridegemvya, mugihe uwise abahutu Inkware akanasaba imbabazi apfunzwe mu Mpimba.
Uwo Kenney Claude abandanya yita abantu ko ari imbwa aridegemvya kandi yoba akorana na CVR( tuzoshira ahabona ivyemezo vuba)

Mur’iyo groupe yiwe, Apolinnaire yemeza ko avugana n’impunzi ziri i Mahama mu Rwanda aho yemeyeko azoshira ahabona ivyo bavugana. Kur’uyu wa 2 myandagaro akaba ariwe yatanguye gushira ahabona urwo rwandiko twababwiye, aho mukaba mwumva isano bifitaniye n’ivyo tubabwiye.

Mubarongoye impunzi yaba Patrice Ntadohoka arongoye impunzi zo mu bisagara vyo mu Rwanda, yaba Jean Bosco Kwibishatse arongoye impunzi ziri mw’ikambi y’impunzi i Mahama bavugako biriwe bararonka ababitura bavugako bisanze kurutonde rwabavugwako bandikiye umukuru w’igihugu batazi ivyarivyo n’ababiteguye.

Amakenga yandi agaragara kuri urwo rwandiko ni imvugo ikoresha aho uwanditse yavuga impunzi nk’uko batari kumwe « Ont, sont,.. » bikanemezwa nuko urupapuro rumwe ruriko abantu 5 bashizeko umukono co kimwe na zibiri za mbere zidasa kandi zose zadotowe hanyuma zikomekwa kuzindi ziroko amazina menshi, ndetse amazina yabasinye akagumamwo. Icanyuma giteye amakenga ko urwo rwandiko rwandikiwe benshi n’uko abasinye biyiya komite basinye kugwitwako ari urutonde rw’abasinye bakaba 3/5 bandikiwe numéro za MTN zitabanditsweko, umuntu akaba yokwibaza vyinshi abonye n’abahawe kopi, aho HCR yo mu Rwanda itaroyemwo.

Ico bikoze kubera ibihe vya COVID19 hari impunzi nyinshi zagiye zironka imfashanyo zitanzwe na HCR n’abandi bagira neza, bikavugwako benshi batanga amanumero za statut bibazako bagire baronke imfashanyo ariko gusanga izo numero zakoreshejwe ivyo batazi.

Kuvyerekeye gutaha kw’impunzi reta shasha y’uburundi ikaba yarasavye impunzi gutahuka ndetse bikavugwako hari abipfuza gutaha bava mu Rwanda co kimwe no mu bindi bihugu mugihe reta yerekanye ko ishaka ko impunzi zitahuka igakuraho intambamyi zatumye zihunga zirenga 400000 ariko ubu zikaba ziri mubihumbi amajana atatu nkuko bivugwa n’amashirahamwe atandukanye.

Twobamenyeshako reta y’uburundi, ibicishije kuruhome rwa Twitter rw’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu, umutekano n’iterambere rusangi yanditse iti : «Ikete (ryo kumbuga ngurukanabumenyi )risaba itahukanwa ry’impunzi z’abarundi bari i Mahama mu Rwanda :  Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mugihugu, umutekano n’iterambere rusangi burindiriyeko rishikira uwo ryarungikiwe akaba ariwe azotanga intumbero yo gushiraho umurongo wo gutangura guzitahukana mw’iteka kandi biciye mu mategeko vuba hashoboka »

Abarundi batari bake bagatanganzwa n’igituma abatahunze bagirizwa kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza be n’abanywanyi na CNL, abamenyeshamakuru n’abaharanira agateka ka zina muntu batishwe bose barenga 10000 bakiri mugasho, hakavugwa kwakira impunzi cane cane izirerenga gato 60000 zahungiye mu gihugu c’u Rwanda mu gihe abarenga 164000 bahungiye muri Tanzaniya mbere birigwa baritabarizako bahohoterwa ataco bavugwako n’abarongoye uburundi. Bakavugako bibatera ubwoba ko hari umugambi mubi woba urindiriye abahunguka bava mu Rwanda narirya reta y’umuhisi Petero Nkurunziza vyavugwako yirirwa irasotora ico gihugu, abayihoramwo arinabo impunzi zivugako zahunze bakaba bacidegemvya ahubwo bararonse ijambo rikomeye muri reta nshasha, imvugo z’ibura ihonyabwoko abazivuga bakaguma bakingirwa ikibaba atacamira.