BURUNDI : RUSANSUMA ITEYE UBWOBA

Hagati mu kwezi kw’indwi guheze harabaye rusansuma rw’abashomeri n’abatagira akazi mu Burundi bwose bisabwe n’inzego zo hejuru aho imbonerakure zaciye zishiramwo ibitasabwe harimwo n’ivy’ubwoko bituma abantu bagira ubwoba.

Abajwe intwaro mu Burundi bwose basabwe kwandika gihuti huti abatagira akazi bose hagati mu kwezi guheze, ako kazi kakaba kaciye gakorwa n’imbonerakure z’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi. Benshi aho kwandika bakurikije ubutumwa bwatanzwe baca bashiramwo ibitarimwo; aho kwandika uwutagira akazi ahaba bagaca bandika aho avuka abatongeyeko akazu kavyo ndetse hakaba nabavugwako bongeramwo ubwoko nko mumakomine amwamwe yo mu ntara ya Gitega

Ubutumwa bwatanzwe kuri whatsapp
Ifishe bakurikiza mukwandika(umutumba abako kigasubirirwa n’umutumba avukako)

Mu Burundi hasanzwe hari ikigo kijejwe gusansuma arico ISTEEBU, muvyo kijejwe harimwo kwerekana ibiharuro vy’abafise ubuzi, abatagira ubuzi, abasore, inkumi,….bigatuma reta imenya ibiharuro ikorerako mukugira imigambi itandukanye. Hasanzwe hariho n’ikigo ca reta kijejwe gutanga akazi no gukurikirana abashomeri, OBEM(Office Burundaise de l’Emploi et de la Main d’œuvre) tutibagiye n’umugwi uherutse gushingwa mu bushikiranganji bw’abakozi ba reta, akazi n’abakozi ujejwe gutanga akazi kumugaragaro aho umaze gutanga ubuzi mugisata c’amagara y’abantu ndetse n’ubu ukaba wahamagaye abatanga amadosiye ngo utange akazi k’abigisha mu bibanza 1000.

Itangazo ryo gutanga akazi

Ivyo vyose bikaba vyarateye ubwoba abanditswe mubashomeri, bakibaza igituma intonde zorinda guca mumugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD kandi hariho ibigo vyinshi vyari kubikora.

Hakaba n’ababonako umukuru w’umugambwe Évariste Ndayishimiye asavye igikorwa kubw’umugambwe bigora kumenya ko atagisavye nk’umukuru wnugihugu Evariste Ndayishimiye.

Bagasaba ko reta yokoresha rusansuma neza yitonze, ikoresheje abahinga n’ibigo bimenyereye rusansuma kugira ishobore kuzotorera umuti urama ikibazo c’abashomeri n’abatagira akazi yongere ihumurize abanditswe kur’izo ntonde ziheruka gukorwa bamenye iyo zaroye n’ico zagiye gukoreshwa na cane cane aho banditswe ubwoko bwabo.