Burundi: Abanyagihugu barenga 50 baramaze gufatwa n’abajejwe umutekano muntara kama ya Mugamba

Abapolisi n’abasoda bamaze imisi bafata abantu bakabapfunga abandi bakabatwara ahatazwi muntara kama ya Mugamba bagirizwa gukorana n’imirwi y’abarwanyi. Abarenga 50 baramaze gufatwa gushika kur’uyu wa 31 myandagaro 2020.

Abakobwa n’abahungu eka n’abagabo bagifise inguvu  barafashwe mur’iyi minsi itatu ku mitumba ya komine Mugamba harimwo Kivumu, Mukike na Donge Burasira mu ntara ya Bururi abarenga cumi bo muntara za Bujumbura na Rumonge, bamwe bakaba bapfungiwe mugasho ka komine Mukike y’iyo ntara ya Bujumbura abandi bakaba bajanywe iyo imiryango yabo itazi.

Ivyo biruko no mugihe umurwi witwaje ibirwanisho witwa Red Tabara wari wemanzeko uri muri komine Bugarama y’intara ya Rumonge, ahishwe abantu 12 abandi bagakomereka, ukaba uherutse kuvugako atabarwanyi ufise mur’ako karere twababwiye abantu bariko bahagarikwa kubwishi.

Abanyagihugu bakaba bafise ubwobako ari ihonyabwoko ryoba ryatanguye kandi ko reta ibifisemwo uruhara bafatiye ukugene reta mvyeyi/nkozi ihumuriza abo muzindi ntara ziba zabonetsemwo umutekano muke ariko bobo aho guhumurizwa, ahubwo bakaza gufatwa n’abapolisi n’abasoda bavuye muzindi ntara kandi abarogoye intara ya Bururi batabizi. Bagatangazwa n’ukugene abajejwe intwaro baheruka kwitorera bataza kubahumuriza. Basaba ko abana babo borekurwa bakaza kwitegurira itangura ry’amashure ritegekanijwe kuwa 7 nyakanga 2020 nk’uko muzindi ntara bariko baravyitegurira.  

Twobamenyeshako abanyagihugu bo muma komine ya  Mugamba mu ntara ya  Bururi, amakomine ya Mukike na Mugongo-Manga zo mu ntara ya Bujumbura hamwe n’amakomine ya Muhuta na Bugarama zo mu ntara ya Rumonge barara ntibuca kubera ubwoba bw’umutekano wabo, bikunyurwa n’uko igipolisi kirongowe na Desiré Uwamahoro casize gitanze itegeko ko kizira kurekura umuntu yafashwe ataruhusha ruvuye i Bujumbura mw’iperereza rutanzwe.