Burundi : Abajejwe intwaro babomoreye abanyagihugu amazu ari kumabarabara bategetswe kuyasubiza uko yarari hatarenze mu ndwi zibiri.

Gervais Ndirakobuca

Inyuma y’imisi itatu gusa umushikiranganji Gervais Ndirakobuca ajejwe intwaro yo hagati mugihugu, umutekano n’iterambere rusangi asohoye itangazo amenyeshako ibikorwa vyo kubomora inyubako zubatswe mubibanza bitemewe biriko bigenda neza, we nyene kur’uyu wa 12 mukakaro 2021 yasanze ivyabaye ku Mugoboka ari agahomerabunwa aca asiga ategetseko ababomoye amazu y’abanyagihugu bategerezwa kuyubaka mundwi zitarenga zibiri.  

Amajwi y’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca kur’uyu wa 12 Mukakaro 2021 ari ku Mugoboka

Mw’itangazo yari yasohoye kw’igenekerezo rya 9 mukakaro 2021, umushikiranganji Gervais Ndirakobuca yari yamenyeshejeko umugwi washinzwe n’ubushikiranganji arongoye kuva kuwa 5 gushika kuwa 7 Mukakaro 2021 kugira utohoze uko ico gikorwa kiriko kiragenda, wasanze kiriko kigenda neza cane mu gihigu cose.

Yaciye anatanga isango rya 31 mukakaro 2021 kugira  abantu bose bazobe bahejeje kubomora inyubako zose ziri mubibanza bitemewe arivyo vy’ibi: Kunkengera z’amabarabara makuru ya reta bagasiga imetero 6 kuruhande rumwe rumwe, abarengeje akarimbi bashingiwe n’igisata kijejwe gutunganya ibisagara(urbanisme) hamwe n’abubatse mubibanza rusangi bizwi nka Espaces verts na espaces publics mu gifaransa.

Biravugwako hari aho abanyagihugu babandanya bidogera ico gikorwa co kubomorerwa amazu yabo yarabatunze kandi ataterambere babona riranahashika,  abatatswe ibiturire nko mu Nyakabiga, bakabomorerwa amazu kandi n’ ivyo gutunganya ibisagara bitarahashika nko ku Musaga ku mabarabara aja mw’ikaritiye n’ahandi.  

Twobamenyeshako urunani rw’amashirahamwe yigenga FORSC rwari rwasohoye icegeranyo k’ur’uyu w’Imana  igenekerezo rya 11 Mukakaro 2021 ruvugako umushikiranganji Gervais ndirakobuca ariko akoresha ubutegetsi afise mugutegeka kubomora amazu y’abanyagihugu n’ay’ubudandaji.

Amafoto yiriwe araca kumbuga ngurukana bumenyi yerekana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi Gervais Ndirakobuca ariko ashira amapingu kubajejwe intwaro babiri arikumwe na Jimmy Hatungimana arongoye igisagara ca Bujumbura, umuvugizi wiwe Pierre Nkurikiye hamwe n’abo bagendanye ku Mugoboka.