Burundi: Abakobwa bokwiga amashure maremare vyofasha mumugambi wo kuvyara kurugero

Amakuru Burundi

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda #SIDA abonako icotuma umurindi w’igwirirana ry’abantu ugabanuka aruko abigeme bokwiga amashure maremare, gurtyo ntibaje kwubaka izabo bakiri bato.

Mw’itangazo yashize ahabona kur’uyu wa 11 Mukakaro 2021, Dr Thaddée Ndikumana amenyeshako hagiye kuba guhimiriza abarundi kugira ntihagire abazoba bakivyara abana barenga batatu gushika mumwaka wa 2025.Yagiriyeko amenyeshako hamaze imisi hibonekeza abarundi baza mumanza canke mu buruhuko bavuye hanze usanga bafise ikiza karanda koronavirisi(#COVID19) naho boba baricandagishije ico kiza.

Uwo mushikiranganji asabako at’abantu boba bakija kukibuga c’indege gutegera abavuye hanze naho ivyo gushikira mumahoteri vyahavuye, borindira imyishu z’ibipimo bafatirwa kukibuga c’indege bakabona kuramukanya.