Abakoze ikibazo co kwinjira mukigo kijejwe kurwiza imbuto zirobanuye ISABU mukwezi kw’icumi hamwe no mukw’icumi na rimwe kwuyu mwaka wa 2021 bavuga ko habayemwo akarenganyo mubisata bimwe bimwe hageze ikibazo co k’umunwa (interview) bobo bita co gusuzuma ubwoko umuntu avamwo canke ibindi batamenye. Gushika kukibazo co kwandika bavugako vyose vyari bimeze neza ariko inyuma yo kubazwa k’umunwa haca hakurwamwo ababaye mubambere hashirwamwo abaronse amanota make mu kibazo co kwandika.
Nkuko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara burundi abivuga, uwakora ikibazo co kwandika wese yahabwa code yandika k’urupapuro rw’ikibazo hanyuma bagaca bafuka aho hari code kuburyo uwukosora atamenya uwo yakosoye, iyo ntambwe yashimwe na bose. Hageze ikibazo co kubazwa k’umunwa(Interview) niho haciye hatangura gukoreshwa amanyanga narirya no muvyo babazwa atavyari bijanye n’akazi bokora canke bikajana nivyo bize, nk’uko amasoko yacu abivuga harimwo n’intonde z’abatoye ikibazo co kwandika ari naco cari gishingiye kuvyo umuntu yize nivyo azokora zivyerekana.
Muba shakashatsi(chercheurs) bakoze muri Production végétale hamwe na Aménagement et Écologie boba bari mubarenganijwe eka n’abafise ama diplomes ya A2 muba techniciens agronome hamwe no muba shoferi. Nk’akarorero uwari uwa gatatu n’uwakane batoye ikibazo co kwandika mubagoronome barakuwemwo ariko kuva kuwagira cumi gushika kuwa cumi na gatanu bose bagumamwo!
Ayo manyanga yakozwe mugihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye aheruka gushikirizako ikigo ISABU bagiye kugiha ibikoresho n’agaciro kugira kizane umwimbu uhagije. Abarenganijwe hamwe n’abakozi bamwe bamwe ba ISABU babonye ako karenganyo bakaba basabako amanota yo kubazwa kumunwa(Interview) yofutwa bagaha akazi abatoye ikibazo co kwandika bavugako arico cakoreshejwe kumugaragaro ahandi bicurako hakoreshejwe ivy’ubwoko, imigambwe n’ibindi. Bati nibikorwe nkuko vyakozwe m’ubushikiranganji bw’amafaranga y’abantu hamwe nubw’indero kuko hoho harabwa amanota y’ikibazo co kwandika gusa.