Agateka k’abagwaye COVID19 mu Burundi

Burundi, actualité

Mur’ino misi haravugwa abantu benshi bagwaye ikiza COVID19, turetseko atahimirizwa ry’abashaka kwikingiza ico kiza rihari, abagwaye ico kiza agateka kabo kabandanya guhungabana.

Mugihe abagwaye canke abicuzeko bagwaye baba bagiye kwipimisha ico kiza, abatora inyishu babasoma amazina atakabanga karoyemwo.

Ivyo bikaba ari ihonyangwa ry’amategeko agenga abagwaye kandi bitandukanye n’indahiro abaganga barahira iho baba binjiye mumabanga yo kubika akabanga k’umugwayi no kwubahiriza amategeko abagenga.