#Kirundo: Musitanteri wa komine Busoni  yugarijwe n’abasigwa ba komiseri wo mu mugambwe CNDD-FDD Muvunyi Salvator aheruka kwitaba Imana.

Vyose vyatanguye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2018 aho Musitanteri wa komine Busoni  yaciye aho bariko barategutra guzoshingura umuhisi Muvunyi Salvator, aheruka kw’itaba Imana mu buryo giturumbuka, umwe mu bahungu b’uwo muhisi yaciye afata imodoka ayitega mw’ibarabara.

Ahindukiye , musitanteri Hashazinka Claudine ntiyorohewe kubera umuryango wose waciye ushwabaduka baramubuza kurengana bamwagiriza ko ariwe yoba yararogesheje umuhisi Muvunyui salvator gushika naho yahatswe kugandagurwa kubera ishavu ryari rirenze urugero.

Umupolisi acungera ubuzima bwa musitanteri yabanje kurasa hejuru amasasu ane kugira inzira iboneke ariko abajejwe intwaro mu ntara bakaba baciye bafata ico kibazo mu minwe kugira ubuzima bwa musitanteri bukingirwe.

Tubamenyesheko muri Komine Busoni  hasanzwe hari icuka kibi mu mugambwe uri ku butegtsi CNDD-FDD aho hari impande zibiri zishamiranye. Rumwe rurongowe n’umushingamateka Nzigamasabo Jean Baptiste batazira Gihahe urundi n’urongowe na Manirambona bikavugwako urwo rupfu rwa Muvunyi Salvator rwoba rufitaniye isano nayo matati narirya yari kuruhande rw’uwo wanyuma kandi  Musitanteri Hashazinka Claudine nawe akaba yaheruka guhakwa kwicwa n’akagwi kataramenyekana.