#Burundi : Imisi mikuru ihereza umwaka wa 2018 yiteguriwe mu bwoba bw’intambara

Mu gihe imisi mikuru ihereza umwaka yamye ihimbazwa mu kanyamuneza kuva uburundi bubaho aho  kuva mu mwaka wa 2003, umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi  uhagaritse intambara, akanyamuneza kakiyongera mu banyagihugu kubera bari biruhukije, uyu mwaka hoho siko bimeze.

Aho hambere abarundi barasangira umwaka mushasha mukanyamuneza, bose barategura imfungurwa n’ibinyobwa  biryoshe, bagahera ku muhana wa mbere bakayihetura  ku mitumba  uko baba bateguriye hamwe ibirori. Kiretse abajejwe umutekano baba bari ku kazi kabo ntawundi yarara arakizura canke ngo ahagarike umutima. Abarundi bararyoherwa no gukesha bagakesha  nko mu bisagara hoho hama hariyo ibiteramo ndetse n’amasengesho yo gukesha kubasenga.

Mukw’itegurira imisi mikuru irangiza uyu mwaka abanyagihugu twavuganye bamenyeshako babona cane cane kwitegurira intambara kurusha kwitegurira imisi mikuru ; bagafatira ku bukene buzura inzara bugata, uruhagarara rw’ukwicura intambara n’ ibiteramo birangiza umwaka vyobereye i Bujumbura  biremeshejwe n’ umuririmvyi Ngabo Médard Jobert batazira Meddy  wo mu Rwanda yasibije  kumvo z’umutekano.

Amakuru dukesha abegereye imipaka be n’abari mu bisagara bitandukanye avugako imbonerakure,  urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD rurara rurakizura rwambaye imyambaro ya gisirikare urundi rwambaye impuzu zisanzwe ariko rufise ibigwanisho. Nko mu ntara ya ngozi hoho  bamenyeshako ivyo biza vyiyongera ku ntererano z’amatora zabaye umurengera hamwe n’imigambi yabo ukatishizirwa muvyo batayigeneye.

Bakamenyeshako  komine yose yategetswe guterera amafaranga atari munsi y’imiriyoni zibiri ngo bategure isozerwa ry’igikorane catunganijwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu  aho hose bakabonako atanteguro y’umunezero iheza ngo ikunde mu miryango kubera amahera aherera mur’ivyo bindi.

Amajambo amaze imisi ashikirizwa na reta y’i Bujumbura atuma benshi bibazako uburundi bushobora kuja mu ntambara umwanya nu mwanya ;

Jean Claude Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu , mu kiganiro yahaye radiyo y’igihugu yamenyeshejeko imigenderanire  iri hagati y’uburundi n’urwanda itakiri myiza kandi ko bitakiri agaseseshwa rumuri kandi ati : « Tumaze kubimenya ntitwari kurera amaboko », ariko akaba atamenyesheje icaciye gikorwa. Ivyo vyose bikaza vyiyongera kur’ivyo twababwiye bidahumuriza abanyagihugu.

Tubibutseko inyuma y’imyaka cumi (1993-2003)  y’intambara yaciyemwo, umutekano wasubiriye guhungabana kuva 2015 aho igihugu gisubiriye kurwa mu ntambara za politike kubera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza  yahonyanze amasezererano ya Arusha hamwe n’Ibwirizwa shingiro agatwara ikiringo kigira gatatu.

Kuva mu kwa kane 2015, abarundi barenga ibihumbi bibiri (2000) baramaze kwicwa, abarenga ibihumbi amajana ane (400000) barahunga,  ibihumbi birenga bine(4000)  barapfungwa bazira ivyiyumviyo vyabo ndetse amajana n’amajana baraburwa irengero nk’uko amaraporo y’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu  abimenyesha.