Abanyagihugu baribaza nimba Musaga idatwagwa mugihugu c’Uburundi

Musaga ni imwe mumazone agize komine ya Muha mu gisagara ca Bujumbura, umurwa mu kuru w’ubutunzi w’igihugu c’uburundi. Abanyagihugu bo mur’iyo zone na canecane aho twagendeye abanyagihugu baridogera ingingo zifatwa n’ababarongoye zitisunze itegeko na rimwe mu mategeko agenga igihugu.

Ni muri zone ya Musaga muri komine ya Muha aho abanyagihugu bidogera abarongozi kungingo bafata zitisunze amategeko namwe agenga igihugu bakibaza nimba aho iwabo hatagitwarirwa mugihugu c’Uburundi. Imwe mungingo batangura bavuga, n’ingingo yafashwe na Musitanteri wa komine muha yo kubabuza kwicarana ngo basangire inzoga y’impeke narirya benshi babibona nk’umuco mwiza wamye ubaranga wo gusangira. Nkuko bivurwa n’umutama umwe mubo twaganiriye agira ati kuva na kera na rindi ntamuntu yisangiza inzoga y’impeke, ati rero kudutegeka ko umuntu azogura ajana munzu n’uburyo bwo kudutandukanya nukutwicira umuco n’akaranga vyacu. Arongera akagira ati kuva intureka ya 2015 igabanutse bararondeye aho bokura imvo zo kuduhungabanya none baraharonse, ubu abo bafashe babapakira mumodoka nk’indagara bakabajana mugasho babahonyoyeko; tukibaza icitwa agateka ka zina muntu iyo kagiye bikatuyobera.

Abantu barakubitwa bagasahurwa ivyo bafise n’imbonerakure ku Musaga

Inyuma yuko batswe uburenganzira bwo gusangira icahora kibahuza hiyongereyeko gukubitwa bakibwa ivyo bafise n’imbonerakure zivuga ko ziri kukazi k’igihugu. Ivyo bikaba bibera kwibarabara rya mbere n’irya kabiri ku Musaga. Iyo uhaciye igihe c’isaha zitandatu zijoro wokwibaza ivyabaye ukabibura,udafise umutima urinda wohava uta ukiruka kuko uhura n’imbonerakure isinzi zitwaje ibihiri abo bahuye bose babicarika hasi bagatangura kubasaka,baheza kubasaka bakabaduka n’amahiri bagata ivyabo bakomoka. Umwe mubenegihugu benshi bimaze gushikira niwe yavuganye natwe afise ukuboko kuvyimvye, yagize ati:

«Nari ntashe mvuye mutwo nariko ndakora, bwari bwije hari nka sasita n’inusu zijoro,niho nasanga abantu bicaritswe hasi nkibaza ko ari abasuma bafashwe nanje ndahageze bati ca ngaha nawe mubandi.Ngize ngo ndabaza ivyarivyo nari nkubiswe inkoni zibiri baba baranyicaritse hasi baransaka bantwara ingodomoni(Porte monnaie) hamwe na terefone zibiri nini na ntoya nkibaza ngo barabinsubiza,baragiye baravugana baca baza batwahuka amahiri ntawaciye hamwe nuwundi niyo mpamvu ubona uku kuboko kumeze uku. Ubu rero singira ayo ncira nayo mira».

Tukabamenyesha ko mubo tumaze kuganira bose bibaza ico Musaga yacumuye bakakibura, mbere bamwe bakaba bibaza ko boba bazira ivyabaye muri 2015 abandi nabo bati

« tuzira ubwoko kuko zone ya Musaga iri mu mazone bitirira ubwoko bw’abatutsi».

Abanyagihugu bagasaba ko nimba atategeko rishiraho amasaha yo kuryama reta yobakurako imbonerakure kuko niyo izibajije zigusubiza zidatinya ko ziri ku kazi k’Igihugu.