Burundi: Abanyororo b’abagore barafashwe kunguvu

Kuwagatatu igenekerezo rya 8 Munyonyo 2023 ibara ryaraguye kubanyororo b’abagore aho bafashwe kunguvu n’abandi banyororo b’abagabo aho bari bavuye kuburana mu masentare atandukanye yo mugisagara ca Bujumbura

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, abanyororo b’abagore barafashwe kunguvu n’abandi banyororo b’abagabo bapakiwe mumudoko imwe rudende iryo bohero rikuru rya Mpimba rifise. Haciye haba imyiyerekano y’abo bagore banka kwinjira mw’ibohero batajanywe kwa muganga kugira bakingirwe gutwara inda batipfuje hamwe n’umugera wa SIDA. Bakaba baciye bumvirwa. Basaba kandiko ibohero ryobaronderera imodoka yabo bakavugako batazosubira kurira imodoka irimwo abagabo.

Ishirahamwe ACAT Burundi risaba reta kugira amatohoza rigahasha abagirizwa ayo mabi kandi ikongera ikarondera imodoka z’abagabo n’izabagore ukwabo ntibazosubire kujana mumodoka imwe nk’uko twabishikirijwe na Jean Claude Ntiburumusi ajejwe kumenyeshamakuru mur’iryo nshirahamwe.