Kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 20 mukakaro 2019, imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi zazindutse zitoza intererano yo gufasha uwo mugwambwe kwiyamamaza mu matora yimirije muri 2020.
Nk’uko amakuru twaronse abimenyesha, ntamuhana n’umwe wo muburundi zitegerezwa gusimba, aho umuntu wese ategerezwa gutanga amafaranga igihumbi (1000Fbu) n’ibiburi ariko abafise akazi ka reta bose atawuja munsi y’amafaranga ibihumbi cumi (10000Fbu).
Ayandi makuru tutaratohoza neza n’uko bivugwako intererano zo guterera amatora ya 2020 zahora zikatwa ku mishahara y’abakozi ba reta bose ku kwezi ku kwezi, naho umukuru w’igihugu yamenyesheje kw’igenekerezo rya 1 mukakaro ko zahagaze atariko bizogenda ahubwo zizobandanya zitangwa aho bivugwako ayo mezi asigaye 11 yose azoca aja kuma konte y’umugwambwe uri ku butegetsi, aya makuru tukazobandanya tuyatohoza.
Tubamenyesheko mu matangazo yatanzwe n’abaserukira umugambwe CNDDFDD muntara mur’iyi ndwi turiko turasozera yamenyeshako atakindi gikirwa gitegekanijwe uno munsi igenekerezo rya 20/7/2019 atari kwegeranya intererano naho bobo bavuga ko zakwa abanyamugambwe babishaka gusa, amakuru twaronse yavugako n’abatari mu mugambwe barabwa n’izo ntererano.