#Burundi: Abarimyi baridoga ko batagurisha umwimbu wabo mu mwidegemvyo

Mugihe uku kwezi kwa Mukakaro aba ar’igihe c’ukwimbura kubarimyi bo mu ntara zimera cane cane ibiharage, umuceri, ibiyoba , ibgori, n’ibindi, uyu mwaka wa 2019 ababadadaza ntibemerewe kuvana ibidandazwa mu ntara imwe babijana mu yindi.

Buramatari w’intara ya Muyinga aheruka kubuza abadandaza bo muriyo ntara gushorera umwimbu na cane cane ibiharage mu zindi ntara z’uburundi, uw’intara ya Bubanza nawe akaba aheruka kubuza abarimyi b’umuceri kuwushorera ahandi.

Aho ni mugihe Petero Nkurikiye avugira igipolisi c’uburundi aherutse kugabisha abadandaza bo mu ntara zihana imbibe n’ibihugu vya Tanzaniya n’u Rwanda ko uwuzofatwa agerageje gusohokana ibidandazwa mur’ivyo bihugu azoca afatwa ndetse n’ibidandazwa akavyakwa. Akagirako amenyeshako hamaze gufatwa amatoni atari make y’ibifungurwa vyari bijanywe hanze.

Umunyagihugu twavuganye aribaza ari hamwe abategetsi boguma babuza abanyagihugu gushora umwimbu wabo mu mwidegemvyo  hanyuma abadandaza bagaca bikika mu kiza bakabibagurira ku mafaranga y’intica n’ikize bitwajeko ataho babishora, ko vyozohava bizimba cane mu mwanya muto kandi bazosigara mu bukene ntangere aho kwiyuha akuya.

Uwundi nawe akabonako ari hamwe abadandaza bo mu Rumonge boca babuzwa gushora amavuta y’ibigazi, abo mu Rutana ntibemererwe gushora ibidudu bivamwo ifu y’umwumbati, abo mu Mugamba ntibashore ibiraya n’ibingano,  abo mu Cibitoke ntibashore itomati n’ibindi vyamwe, gurtyo gurtyo ko uburundi bwoba bubaye agasho narirya abatunzwe no kurima baba bakeneye kwikenura muvyo batarima canke ivyo bagura atari ibifungurwa mu gihe boba bashoye umwimbu ku mafaranga akwiye.

Twobamenyeshako abarundi benshi batunzwe n’uburimyi n’ubworozi ibere y’abadandaza n’abakozi ba reta.