Abakozi bababa 600 b’ikigo OBUHA bafise ubwoba ko bagiye kwirukanwa hakoreshejwe urwenge.

OBUHA ni ikigo ca reta kijejwe ivy’inyubako, uburaro no gutunganya ibisagara cashizwe mw’ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu N° 100/079 ryo kwigenekerezo rya 24/5/2019 hateranijwe ibisata n’amashirahamwe bitandukanye vyakorera muvyo gutunganya inyubako, uburaro, isuku no gutunganya ibisagara ariko kikaba kitaratangura gukora neza gushika ubu.
Kwigenekerewo rya 19/7/2019 umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatateye umukono kw’ibwirizwa N0 100/0120 rigena Ir Désiré Havyarimana n’umu komiseri ajejwe intwaro, ubutunzi no kugura ibikoresho m’ur’ico kigo OBUHA. Kw’igenekerezo rya. 20/3/2020, umukuru w’igihugu yaragenye inzego nkurunkuru z’ico kigo mw’ibwirizwa N°100/047. Naho ryari ryanditseko ko umushikiranganji ajejwe gutunganya uburaro n’ibisagara aca abishira mu ngiro bagaca batangura akazi, gushika ubu ntanumwe yemerewe gusinya kuma konte ya OBUHA canke gufata ingingo kiretse commissaire générale n’uwo twababwiye bemerewe gusinya bimwe bimwe harimwo guhemba abakozi.
Abakozi bababa amajana atandatu (600) bahora bakora mur’ivyo bisata vyasukiranijwe kugira ikigo OBUHA kibeho, bamaze uwo mwanya wose bajuragirika, bakorera OBUHA ariko bahemberwa kumasererano y’amashirahamwe yafuswe haraheze hafi umwaka, kuma liste bahemberwako bakandikako ngo : « OBUHA EX-SETEMU, OBUHA EX-ECOSAT, OBUHA EX-SIP),…. » hagize uwukenera urupapuro rw’akazi ngo asabe nk’ideni muri banki akaba ataruronswa bivuyeko abo bategetsi bashasha bamubwirako batamuzi nk’umukozi wa OBUHA, yarusaba uwahora amukoresha nawe akamubwirako atabubasha agifise ko iryo shirahamwe ryafuswe nawe arindiririye mu bandi ibizokurikira.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akamenyeshako hoba hari impari zikomeye hagati mur’abo barongozi bashasha baheruka gushingwa amabanga, bamwe bagombako hokoreshwa ibibazo gurtyo hakirukanwa abakozi abandi bakanka ko hakoreshwa ibibazo bavugako abakozi bose bamaze guhembwa na OBUHA hafi umwaka wose kuko ibwirizwa ryashinga OBUHA ariryo ryafuse ayambere bakoramwo.
Twobamenyesha ko SETEMU , ECOSAT URBANISME, SIP n’ibindi bisata vyo mu bushikiranganji bujejwe amabarabara, gutunganya ibisagara n’ibindi arivyo vyashizwe hamwe mu gushinga ikigo OBUHA kigira gikikwize umwaka gikorera mu kajagari