Burundi : Abakozi b’inama nshingamateka bagiye kugengwa n’itegeko. N’umukuru wayo azoba arimwo ?

Haraheze igihe tuza turababwira amakuru y’ibibera munama nshingamateka harimwo n’abakozi bahanwa munyuma bakabwirwako atamategeko abagenga bafise. Mur’uku kwezi kwa kane 2022 inama nshingamateka izokwiga itegeko rigenga abakozi bayo. Ntawuziko umukuru wayo Daniel Gelase Dabirabe nawe hazoba harimwo ingingo imutegeka kwemera kuba aho abandi bakuru b’inama nshingamateka babaye akareka kwipangira inzu yiwe bidakurikije amateko.

Nk’uko tubisoma kur’ubuga rwa twitter rw’inamanshingamateka, mubitegekanijwe kwigwa mur’uku kwezi kwa kane 2022, inamanshingamateka izokwiga itegeko rigenga abakozi bayo. Uko vyahora ntategeko ryabagenga ryahahora. Uwirukanwa wese canke uwahanwa ntaco yabaza, agize ngo arabaza yishurwako atamategeko amugenga ahari.

Hagati aho abanyagihugu bo muri Q9 mu Ngagara baridogera umukuru w’inamanshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe ko ababuza kwidegemvya kubera abapolisi bama bariko barazibira amabarabara iyo atashe canke atonze kukazi. Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako uwo mwubahwa yanse kuja kuba ahahora uwo yasubiriye Pascal Nyabenda aho bivugwako yanse kujayo ngo hoba harimwo uburozi mugihe amafaranga inamanshingamateka yama isohora amafaranga atari make agenewe kumupangira inzu agaca ayashira kumufuko.

Ntitwashoboye kuronka umuvugizi w’inama nshingamateka kugira twumve ico abivugako