Guhera k’ur’uyu wa 28 mukakaro kuzoshika kuwa 31 mukakaro 2020 hariko hakorwa ikibazo ca reta kubanyeshure bahejeje amashure yisumbuye aho bamwe bazoja muri kaminuza abandi gukora ubuzi ariko hakaba n’abazohamvya ibihumbi n’ibihumbagiza batagira akazi.
N’ubwo ico kibaza ca reta kiriko gikorwa mu Burundi bwose, kumafaranga menshi kandi gicungerewe neza, ntikizobuzako kaminuza zongera gukoresha ibibazo bindi. Aho ni mugihe igitigiri ca 68000 bahejeje amashure yisumbuye batanguye ikibazo ca reta bipfuza kuja mumakaminuza nka 1/3 aribo bashobora kuzoronka ayo mahirwe. Abatari bake bakabonako ibibazo bindi birenga kukibazo ca reta kiretse mugisoda no mu gipolisi hajamwo ivyo kwinonora imitsi ahandi vyoba ari kuvangura ubwoko n’intara biba bitumberewe aho bivugwako hari benshi batora ico kibazo ntibaronke amahigwe yo kubandanya kaminuza kubera izomvo ziterana n’uko reta atamfashanyo igitanga zikwiye ahubwo igatanga ingurane, umwana w’umukene bikavugwa ko ataciga kaminuza.
Tubamenyesheko mu Burundi hari kaminuza 46 harimwo 7 za reta ziteguriye kuzokwakira abazotora ico kibazo bivugwako catanguye neza mu gihugu cose muri rusangi ariko hariho amashure amwamwe ataronse abigisha bakwiye bigatuma abanyeshure bakora ivyo batize mwishure.