#Burundi : Abanyeshure bo kuri ECOFO Gaharo 2 mu Bukeye biga bicaye hasi, abigisha babiri baraye mugasho.

Inyuma yaho hibonekeje amafoto y’abanyeshure bo kw’ishure ritoya(ECOFO) rya Gaharo ya kabiri muri komine Bukeye intara ya Muramvya biga bicaye basi, abigisha babiri bahagaritswe bajanwa mugasho kur’uyu wa kane igenekerezo rya 30/01/2020.

Bikavugwako kuriryo shure, mumwaka wa wambere hafotowe higa abanyeshure mirongo irindw(70) bicara kuntebe zitanu gusa.

Ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike FORSC rikaba ritatevye kwiyamiriza iryo pfungwa ry’abo bigisha Emmanuella na Hugano aho rivugako icihutirwa kwari ugushira ibikoresho bokwiye mu mashure.

Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE nawe akaba yanditse k’urubuga rwa facebook rwiwe avuga ati:

Ishure ritoya rya Gaharo (Ecofo Gaharo II), riri muri komine Bukeye, intara ya Muramvya. Bamwe mu banyeshure baho biga bicaye hasi kubera kubura intebe.
Nawenu, ya mboneza y’ikirenga muvyo gukunda igihugu, ntazemera ko bamuha umuliyaridi hariho abana baciga bicaye hasi…

Pacifique Nininahazwe kuri facebook.

Tubamenyesheko kumwaka uheze nabone hari amafoto y’abanyeshure bo mu Cibitoke n’i Bujumbura mu Gihosha biga bicaye basi yabonetse kumbuga ngurukanabumenyi bikaba bishoboka ko n’ahandi hoba hakiriho.