Burundi : Ubusuma bw’amatora mw’itangwa ry’amakarata y’amatora.

Mugihe ikiringo co gutorerako amakarata y’amatora umugwi CENI wagerageje kugihuza n’umwanya wo kwiyamamaza, hongeyeko ko abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na CNDDFDD uri kubutegetsi bariko barimwa amakarata yo kuzotorerako.

Nkuko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avuye hirya no hino mu gihugu abivuga.

« Ugiye gutora ikarata, abakozi ba CECI bakuraba mumaso bagaca bagenda bakaraba mugitabu. Basanze utari umywanyi wa CNDDFDD bagaca bakubwirako ikarata yawe batayibonye. »

Ivyavuzwe n’amasoko y’inkuru yacu

Ayo makuru abandanya avugako muvyo umugambwe CNDDFDD wateguye kugira wibe amatora ico kintu carimwo aho vyavugwako umugwi CENI uzotanga amakarata y’amatora mumwanya wo kwiyamamaza hanyuma abanywanyi b’imigambwe batavuga rumwe baje mur’ivyo ariko abanywanyi ba CNDDFDD bobo bakazoheza bakaronswa amakarata bitonze mw’ibanga nk’uko vyagenze mukuronswa uburangamuntu bwo kwiyandikisha. Uko bishobora kuba vyarateguwe baravye ukuntu itangwa ry’amakarata yo gutorerako ryinjiramamwo n’umunsi mpuzamakungu w’abakozi n’akazi uhimbazwa gw’igenekerezo rya 01 Rusama, ugahurirana n’imisi yo gusenga; kuwagatandatu ku basabato badakora ndetse no kuw’Imana abandi bakirisu baba bari gusenga.

Abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe na CNDDFDD bagasabako ivyo bintu vyokurikiranirwa hafi kuko babonamwo amahinyu bagasaba umugwi CENI kutihenda ngo ukorere umugambwe umwe wonyene ahubwo ko wokora neza kugira n’ibizova mu amatora bizokwizerwe.

Tubamenyesheko amakarata y’amatora mashasha ariko aratangwa kuva kw’igenekerezo rya 30/4/2020 gushika kurya 04/5/2020 kandi ko umugwi CENI wamenyeshejeko iyo tarike irenze atamuntu numwe azosubira kuronswa ikarata y’amatora. Bisubiye abasanganywe amakarata bakoresheje mumatora yo kwemeza ibwirizwa nshingiro atazokwemerwa kanki abasoda bari mubutumwa bw’akazi hanze y’igihugu igihe abandi biyandikisha batazotora amakarata, ko bazobimenyeshwa n’inzego zibatwara, icateye amakenga igituma umugwi CENI utamenya uko amatora atunganywa munzego zijejwe umutekano.

Bikavugwako abanywanyi ba CNDDFDD bobo baronswa amakarata mubibanza birenga kimwe kumazina atandukanye kugira bazotore hose muntumbero yo kwiba amatora.