Burundi: « Agashimwe k’ibimenyeshamakuru 2020 k’agahemo. »

Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch, HRW ryashize ahabona amakenga mw’itangwa ry’ubushimwe ku bamenyeshamakuru buheruka gutangwa n’urwego rwa reta rujejwe gucungera amakuru CNC mur’iyi ndwi.

Nk’uko ryavyanditse kur’uyu wa 7 rusama 2020 iryo shirahamwe rivuga kubushimwe bubiri bwateye amakenga:

  1. Agashimwe k’imboneshakure kahawe umugwi w’abapolisi bakora mugisata co kumenyesha amakuru. Rigatangazwa no kubona urwego rwa reta rujejwe umutekano mugihe rusanzwe ruvugwa mumabi atandukanye yo guhungabanya agateka ka zina muntu.
  2. Akandi gashimwe iryo shirahamwe rivuga ni akahawe Édouard Nkurunziza, umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Iwacu asigaye arara rubunda kubera yatewe ubwoba n’umushingamateka.

HRW rikavugako Édouard Nkurunziza yanse kuja gutora ako gashimwe yabonamwo agahemo. Akavugako bitumvikana uko yogenda gushimirwa mugihe yoshobora kugirirwa nabi nka bagenziwe bane bapfungiwe i Bubanza; bagirizwa kuba bagiye kurondera amakuru yavugwa k’umugwi wabagwanyi wari wateye mu ntara za Bubanza na cibitoke muri gitugutu 2019.

Ikindi catumye Nkurunziza atinya kuja gutora agashimwe ni inyuruzwa rya Jean Bigirimana, yakorere ico kinyamakuru Iwacu yanyurujwe kuva mukwindwi 2016, gushika ubu atawuzi irengero ryiwe, aho bivugwako yanyurujwe n’iperereza i Muramvya.

Iryo shirahamwe rikabonako mugihe himirije amatora mundwi nkeya ziri imbere biteye amakenga kubona urwego rwa reta rutanga ubushimwe bw’agahemo kubimenyeshamakuru vyigenga bisanzwe biriko biratotezwa.

Twobamenyeshako murwego Nshingwantwaro rwa CNC harimwo Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi kandi ko umukuru Nestor Bankumukunzi, arongoye CNC aherutse kuboneka ari mu myiyamamazo y’umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD abatari bake bakabonako urwego CNC rutigenga.

Soma iyo nkuru ya Human Righs Watch ngaha