Burundi : Abashikiranganji bamwe bahinduwe

Burundi,

Kur’uno wa kane igenekerezo rya 18 munyonyo 2021, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yahinduye abashikiranganji bamwe bamwe mugihe uw’ubudandaji yahahora wewe yabogojwe ahorwa gucafuza isura y’uburundi.

Nkuko biboneka mw’itegeko  ryashizweko umukono n’umukuru w’igihugu ryo kur’uyu wa 18 munyonyo 2021, Umupfasoni Domine Banyankimbona yagenywe kuba umushikiranganji w’ubutungane, Dr Sylvie Nzeyimana agenwa kuba umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyangana SIDA mugihe uwo yasubiriye Dr Thaddée Ndikumana nawe yaciye agenwa kuba umushikiranganji w’abakozi ba reta, abakozi n’akazi.

Umupfasoni Marie Chantal Nijimbere nawe yahora ari umushikiranganji wo kumenyeshamakuru, ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru hamwe n’ibimenyeshamaku yagenywe kuba umushikirangani w’ubudandaji, kwunguruza abantu n’ibintu, amahinguriro n’ingenzi akaba yasubiriwe n’umupfasoni Léocadie Ndacayisaba. Aho ni mugihe uwo yasubiriye nawe umupfasoni Capitoline Niyonzima yabogojwe n’umukuru w’igihugu uno munsi nyene amuhora gucafuza isura y’uburundi.

Tubamenyesheko hari n’abandi bategetsi bagenywe benshi mubibanza bitandukanye vyo murwego rukuru rw’abacamanza.