Burundi : Amadosiye azimirira mubutungane

Burundi

Hari abanyororo bidogako amadosiye yabo yazimiye abandi hazimira zimwe mumpapuro zigize dosiye bica bituma imanza zabo zidindira, bakaba bamaze imyaka irenga itatu imanza zabo zikiri muri sentare ntahinyuzwa kandi zitaburanishwa.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, sentare ntahinyuzwa iridogerwa n’abanyororo, hakavugwa ko hari imanza zirenza imyaka irenga itatu zitaracibwa, impapuro zimwa zikazimira kuri bamwe abandi hakazimira dosiye zose

Sentare ntahinyuzwa yagirizwa nabanyororo ko yoba ikorana n’abadashakako imanza zabo ziva munzira kumvo zitaramenyekana. Abanyororo bakaba basabako ababijejwe bobikurikiranira hagufi kugira baronswe ubutungane.