Burundi: Abashingamateka b’ubumwe bw’iburaya basaba irekurwa ry’abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru iwacu vuba bwango kandi atagisabwe

Ejo kw’igenekerezo rya 09 munyonyo 2019, abashingamateka b’ubumwe bw’iburaya barandikiye ikete umushikiranganji w’ubutungane wa reta y’uburundi bamusaba kurekura Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi na Egide Harerimana, abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bapfunzwe kuva kw’igenekerezo rya 22 gitugutu 2019.

« Nous avons adressé une lettre à la ministre de la Justice du Burundi appelant à la libération immédiate de quatre journalistes arrêtés lors d’un reportage pour l’organisation de presse burundaise @iwacuinfo, accusés d’atteinte à la sécurité de l’État. https://t.co/pgkhDV3cYl« 

Marie Arena (@Mariearenaps) December 10, 2019

Muri iryo kete mushobora kubika murikuye ngaha , abo bashingamateka basaba abategetsi b’uburundi kurekura abo bamenyeshamakuru vuba bwango kandi atakirinze gusabwa bakanareka n’abandi bamenyeshamakuru bagakora bidengemvya baticura guhagarikwa canke gukubagurwa.

« Abamenyeshamakuru be n’abaharanira agateka ka zina muntu bategerezwa kwemererwa kurangura akazi kabo mugihugu kirangwamwo ukwishira n’ukwizana (Démokrasi), na cane cane mur’iki gihe himirije amatora, bakabaza abanyepolitike imigambi bafitiye igihugu, bakamenyesha abanyagihugu mu mwidegemvyo ibikorwa vyose vy’igihugu hamwe n’ubuzima bwa misi yose ataco babujijwe. Turahagaritswe umutima n’ukuntu abamenyeshamakuru be n’abaharanira agateka ka zina muntu bahagarikwa nko gusamaza mugihe baba bariko bakorera ku nkuru zihambaye nko ku migwi y’abagwanyi, guhungabanya agateka ka zina muntu canke abahagarikwa bahorwa imvo za politike. »

Bimwe mubiri mur’iryo kete.

Tubamenyesheko  Térence Mpozenzi, Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi na Egide Harerimana bakwije imisi 49 bapfunzwe aho bafatiwe i Bubanza bagiye kukazi ariko kikaba kitabujije umugwi ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH) kwandika kuri Twitter yawo ko kuri uno munsi hahimbazwa kw’isi yose incuro ya 71 hasinywe amasezerano mpuzamakungu y’agateka ka zina muntu, ko mu Burundi, abantu batonda kumirimo yabo ukuri kwamye. Uwo mugwi ukavugako hari imigwi y’abagwanyi iva mu gihugu ca reta iharanira intwaro rusangi ya Kongo (RDC) n’u Rwanda ihungabanya agateka ka zina muntu ntihagire ico ushikiriza kw’ipfungwa ry’abo bamenyeshakamuku canke ku bandi benshi bazira imvo za politike.