#Burundi: Abigisha basigaye bacungwa n’imbonerakure ziri mu mashure bigisha.

Mumashure yose yo mu gihugu harashinzwe ama komite y’abanyeshure bari mu muhari w’imbonerakure zijejwe kuza ziradoma urutoke ku bigisha bagize ico bavuga kubijanye n’ubuzima bw’igihugu hamwe n’abakoresha ama terefone mw’ishure.

Guhera mu gice ca mbere c’umwaka w’ishure turimwo(2018-2019) mu mashure y’isumbuye yose yo mu Burundi, ishure ku rindi, umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD warashinze amakomite agizwe n’urwaruka rw’imbonerakure zo mu bwoko bw’abahutu ariko hamwe hamwe hakaba havanzemwo abigeme b’abatutsikazi basanzwe bayoboka uwo mugambwe ngo bakore ico gikorwa.

Abo banyeshure bajwejwe gucungera umwigisha ku majambo ajanye n’ubuzima bw’igihugu(bakavyita gurtyoza igihugu) yovugira mw’ishure canke uwukoresha terefone ariko arigisha bagaheza bagatanga raporo mu mugambwe uri k’ubutegetsi.

Mw’ishingwa ryayo makomite abigisha, abayobozi canke abagenduzi bo mu gisata c’indero bakaba batagishijwe inama nk’uko ayo makuru twaronse abimenyesha kandi nabone bari mubacungishijwe ijisho kiretse bake muribo bizigiwe cane mu mugambwe.

Umuyobozi w’indero yaba uwa komine cane uw’intara arashobora kuza yumva abajijwe ivyerekeye ibibera kw’ishure kanaka atamakuru abifiseko kandi atazi uko amakuru yashitse mu mugambwe.

Abigisha bakaba bafise ubwobako abahora banyuruzwa canke batotezwa bashobora kuba ari abadodoberezwa n’izo mbonerakure kandi ko binashobora kuba bifise ivyihishije inyuma narirya ayo makomite yiganziwe n’ubwoko bumwe kandi bo mu mugambwe wahoze ari umuhari wo mw’ishamba.

 Bamenyeshako hari ivyigwa bimwe bimwe bisaba ko umuntu ariko arigisha ategerezwa gutanga uburorero bw’ibiba mu buzima busanzwe kandi ko nko mu mashure batagira za kazinduzi, umwigisha yahora ashobora kwikora k’urubuga rwa google akaraba insiguro y’ijambo abajijwe n’umunyeshure.

Tubamenyesheko uwo mugambi atari uwo mugisata c’indero gusa kuko nko mu kiganiro umukuru w’igihugu yatanze ku banyagihugu ari i Ngozi kw’igenekerezo rya 28 kigarama 2018 hari uwasavye ko abakozi ba reta bakoresha amaterefone umwanya w’akazi bokurikiranirwa hafi. Biruvikanako bimaze kuja mu ngiro kandi n’ugushaka kuzovyitirira reta nk’uko bavyiyumviriye abari bazi ko uwo mugambi watanguye.

Hambavu y’ivyo  Réveriyano Ndikuriyo, umukuru w’inama nkenguzamateka y’uburundi yaheruka kuvugako bakwiye kuduza ama tagisi ku bakoresha imbuga ngurukanabumenyi : « Ntitwokwemerako igihugu gisha kubera watsapu » akaba ariyo mujabo yakoresheje.