Burundi : Ibere ryayaze hagati ya Ndakugarika atwara iperereza na Godefroid Bizimana

Amakuru dukura muntara ya Cibitoke atumenyesha ko hari ukurumvikana mubihangange vyo kugwego rw’aba jenero Godefroid Bizimana na Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika aho haheruka gufatwa abantu babiri boba baguye mumporero.
Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika asanzwe ari umukuru w’iperereza yoba yatanze itegeko ryo gufata Uwimana Denis murumuna wa Godefroid Bizimana hamwe n’umushoferi yitwa Nsabimana batazira Mukambwe, yatwara ifuso uwo Godefroid Bizimana asangiye n’uwundi tutashoboye kumenya. Ayo makuru akavugako abo uko ari babiri boba bari muminwe y’iperereza ahantu hataramenyekana.

Mugihe Godefroid Bizimana umukozi akomeye wo mubiro vy’umukuru w ‘igihugu hamwe na Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika bahoze basenyera ku mugozi umwe muguhohotera abiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kuva 2015, amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi amenyeshako ubu umuriro waka hagati y’ivyo bihangange bibiri.

Godfroid Bizimana akaba yaravuzwe canke mubwicanyi bwakurikiye itembagazwa ry’ubutegetsi ryapfuvye kuwa 13 rusama 2015 ndetse akaba yari no kurutonde rw’abantu bane Reta zunze ubumwe za Amerika zari zarafatiye ibihano mumpera za 2015 vyo kudahonyozayo ikirenge nabo bakaba bari Alain Gullaume Bunyoni, yari umushikiranganji w’umutekano, uwo Godfroid Bizimana yari icegera c’umukuru w’igipolisi, Godefroid Niyombare yahoze atwara iperereza n’uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi Cyrille Ndayirukiye. Abo babiri banyuma umwe akaba yarahunze uwundi apfunzwe.

Tubamenyesheko ivyo bihangange muri reta, bose bava muntara ya Cibitoke aho Ndakugarika avuka muri komine Bukinanyana Godefroid nawe akaba avuka kumugwa mukuru wa komine Mabayi kandi ko hoba hari icuka kibi hagati y’ibihangange mugisoda n’igipolisi bivuye kugwanira ibiti muri reta yimirije gushingwa mukwezi kwa Myandagaro 2020 aho Gen Mjr Evariste Ndayishimiye azokwinjirira mumabanga y’umukuru w’igihugu, ishavu bafitaniye rikaba ryoba ariryo riserukira mur’uko gucumvya ibikorwa vy’umwe muribo.