Burundi : « Amagorwa ntasiga ayandi » : Imbwa zo mwishamba zaraye ziriye ibitungwa mu Gahuni

Mwijoro ryakeye ryo kwa 2-3 nyakanga 2020 harateye imbwa zo mw’ishamba mu gacimbiri Rugarika mu Gahuni, komine Bugarama iri mu ntara ya Rumonge, zariye intama 8 mugihe bene imihana bari baraye mw’ishamba kubera umutekano muke urangwa muri ako karere.
Mw’ijoro ryakeye imbwa bivugwako ziba mumashamba zigendera mumirwi zarateye imihana yo mu gacimbiri Rugarika mu Gahuni, komine Bugarama iri mu ntara ya Rumonge zirya intama umunani.
Abanyagihugu bo mumakomine ya Bugarama na Muhuta zo muntara ya Rumonge n’amakomine amwamwe yo muntara za Mwaro, Bururi na Bujumbura bamaze indwi irenga barara ntibuca kubera imurwi w’abarwanyi waciye aho mu Gahuni, abantu 12 bakicwa abandi bagakomereka, ibitungwa n’ibiribwa bigasahurwa, abantu bakaguma bafatwa n’abapolisi ngo barabashigikiye, vyatumye abanyagihugu bama barara mumwonga, indwi n’igice ikaba iheze.
Bene izo ntama bakaba bafise umubabaro udasanze bakibaza uko bazoronka ibikoresho vy’ishure mugihe bari biteze ko kundwi iza kuwa 7 nyakanga 2020 abana babo bazotangura amashure naho barara mu mwonga batabona neza uko ubuzima bwabo bugiye kubandanya.