Burundi: Amakuru azotangwa mu matora ya 2020 azoba agosoye.

Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwarashinze kuri uyu wa 24 kigarama 2019 komite y’igihugu ijejwe gutegura no gushira mungiro uko amakuru yerekeye amatora ya 2020 azotohozwa n’uko azoshikirizwa.

Iyo komite igizwe n’abamenyeshakuru  cumi na babiri harimwo abakenyezi mirongo itatu kw’ijana, ikazoba ifise ibikorwa icenda nyamukuru harimwo gutegura amategeko azogenderwako mu gutanga amakuru, gutegura uburyo bw’ubuhinga n’ubw’amafaranga bukenewe kugira amakuru azoboneke yongere ashikirizwe mu matora, gutegurira ibibanza abamenyeshamakuru bazoba bafise, gutegura ahazoshingwa uruganda rw’urunani rw’amaradiyo n’ibindi.

Twegereye Franck Kaze, umuhinga muvyo ku menyesha amakuru ari nawe yararongoye uruganda rw’urunani rw’amaradiyo mu matora ya 2005, tumubaza uko abona itegurwa ryo ku menyesha amakuru mu matora ya 2020, yatumeyeshejeko atabwigenge bwo kumenyeshamakuru buzoba buri mur’ico gikorwa, akabonako hazoba kugosora amakuru uko CENI izoba ibishaka mugihe bobo muri 2005 bakorana n’urwego rwo  kumenyesha amakuru CNC hanyuma CENI ikaja irakosora ivyo yumva bitariko bigenda neza hirya no hino.

Franck Kaze akabonako ingorane nyamukuru ar’uko umumenyeshamakuru atazoba yemerewe kuvuga ibivuye mu matora, ashobora gutinya kuvuga amakuru kubera ubwoba ko vyomugirira ingaruka mbi hamwe n’uko amakuru azoba yaronse azorinda kuyaha abamukurira bakayagosora mbere bagashobora kuzoyahindura canke bakanka ko ashikirizwa abarundi. Uwo muhinga akabonako atamakuru yizewe yiteze ko azovugwa muri ayo matora ya 2020 kubera abamenyeshamakuru batazoba bigenga.

Kubwa Me Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, urunani rw’ibinyamakuru rugishingwa mumwaka wa 2005, rwarakoze neza ruraba rurangiranwa, ibinyamakuru vya reta vyaciye bisokora, mu matora ya 2015 bigenduko, umwaka wa 2015 amaradiyo yigenga amaze guturirwa, abamenyeshamakuru bagata bagahunga ko bitasubiriye gushoboka.

Me Vital Nshimirimana yamenyesheje ikinyamakuru Itara Burundi ko ahubwo abanyepolitike bemeye kuja mu amatora ya 2020 bohagabira. « Kubona umushikiranganji avyuka agashiraho umugwi nkurya, ndabishira mur’urutonde rwo kwiba amatora » Me Vital Nshimirimana ntaca hirya no hino. Avugako urya murwi uzovuga uvyo umugambwe CNDDFDD ushaka kuburyo bashobora kuzobwira abarundi n’amakungu ibiriko biraba atarivyo.

Tubamenyesheko iyo komite izorongorwa na Chanel Sabimbona, uruganda rukazoba rurongowe na Jacques Bukuru hamwe hamwe na Gorgon Sabushimike azoba icegera ciwe mugihe Francine Sabimbona azoba ari umwanditsi hanyuma Claudine Hakizimana akazoba ajejwe ubutunzi.