Burundi : « Ahubwo hapfuye bake »| »Mubadandariza mu mitaka harimwo abansi b’igihugu »

Mukiganiro umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze kumaradiyo yose kuri uno wakane igenekerezo rya 26/12/2019 aho yari i Gitega yishuye kubibazo bitari bike harimwo ivy’umutekano.

Petero Nkurunziza yamenyesheje abarundi bose ko umwansi w’igihigu c’uburundi bamumenye ari « Urwanda », aho ni igihe yarabajijwe aho amatohoza yatanguwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vy’ibiyaga binini ageze. Yamenyeshejeko abahinga baje mu Burundi ariko urwanda rwanse ko binjirayo.

Kuvyerekeye ingingo yafashwe n’abajejwe intwaro yo gushinga amasaha yo kwugururira no kwugara ububare hamwe n’iyo kubuza urwaruka kwiyungunganya rucururiza mumitaka ama unités, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yamenyeshejeko iyo ngingo ari nziza kubera barinze bugara baba nabonye ibitagenda neza narirya umutekano aribo bawujejwe, yongeyeko avuga ati: » Abadandariza mumitaka harimwo abansi b’ibihugu,… bafashe abashika amajana abiri bakabegeraniriza hamwe basanga ijana batazwi m’abajejwe intwaro, atabibaranga bafise ».

Kukibazo c’abavunjayi batakironka amafaranga y’agaciro mw’ibanki nkuru y’igihugu BRB, yishuyeko abavunjayi bafatwa nk’abansi b’igihugu: »Abansi bamwe bakoresha inkoho ariko abavunjayi bakoresha ivy’ubutunzi, tubaretse bakaguma baduza ibiciro vy’amafaranga y’agaciro, umukate tuzowugura umuriyoni,.. … ikiro c’ibiraya kigurwa ama euros atatu ni ukuvuga ibigumbi icenda vy’abarundi, mwumva amafaranga y’amarundi adafise agaciro kurusha amafaranga y’i buraya? » zimwe munyishu yatanze. Yamenyesheje ko abavunjayi batemeye gukurikiza amategeko y’ibanki nkuru b’igihugu bazomanika imbabura zabo nabo bakaja kudandaza canke gukora akandi kazi hanyuma reta izoce ifata muminwe urudandazwa rw’amafara y’agaciro.

Muri ico ikiganiro camaze isaha n’inusu , umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntiyibagiye guhoza imiryango yabuze ababo mubiza bimaze imisi bihitana abantu n’ibintu ariko amenyeshako abapfuye ari bake agereranije no mu bindi bihugu aho amagorofa n’imiduga y’agaciro bihora bitwarwa n’imyuzure hagapfa abantu benshi.

Kur’ico ikibazo avugako hari abajejwe gutunganya ibisagara bavyifashemwo nabi ndetse n’abatetsi bihaye ibibanza abantu bitari bikwiye yongerako hari n’abubaka mwojoro.