Mwikete ryandikiwe uwutwara ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR kuri yu wa gatatu igenekerezo rya 04/9/2019, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike asabako umugambi wo gutahukana impunzi z’abarundi ku nguvu wohagarara ahubwo zigahabwa imfashanyo ikwiye, zikava mumagorwa zirimwo.
Ayo mashirahamwe avugako vyatanguye kwibonekeza kuva aho Perezira w’uburundi Petero Nkurunziza agiriye muri Tanzaniya mumwaka wa 2017 inyuma yo gukubita kudeta ibwirizwa nshingiro ry’uburundi mumwaka wa 2015.
Kuva ico gihe mugenziwe John Pombe Magufuli yaciye atangura kuvugako amahoro yasasagaye mu burundi ,impunzi z’abarundi ngo zaciye zitangura guhohoterwa, zikarara ntibuca. Ayo mashirahamwe amenyeshako umushikiranganji w’intaro yo hagati wa Tanzaniya na mugenziwe w’uburundi bumvukanye gutahukana abarundi kunguvu mugihe mu Burundi habandanya hibonekeza ivyaha vy’agahomerabunwa ndetse amahoro akaba atayaraboneka kuburyo impunzi zotahuka.
Muriryo kete amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike arerekana ko igihugu ca Tanzaniya kiramutse gishize mungiro ayo masezerano yabe na Petero Nkurunziza kizoba kirenze kumasezerano y’i Geneve yo mumwaka wa 1951 akingira impunzi.
Tubamenyesheko ikopi y’iryo kete yaronkejwe amashirahamwe mpuzamakungu, aya afrika na afrika y’ubuseruko uburundi busanzwe burimwo kandi ko n’umupfasoni Maragarita Barankitse yashinze Ikigo Maison Shalom yamenyesheko ari hamwe Magufuli yokwubahuka kwirukana impunzi yoba « ariko akina n’umuriro », aho hari mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, aho Maison Shalom yatangura imisi itatu yo guhimbaza imyaka mirongo ibiri n’itanu imaze itanguye.