Burundi : Ambassadeur Willy Nyamitwe yoba agira avanwe muri Etiyopiya

Mugihe atan’ukwezi kumwe kurahera  Ambassadeur Willy Nyamitwe arungitswe guserukira uburundi mu gihugu ca  Etiyopiya biravugwako yoba agira avanweyo hanyuma arungikwe guserukira uburundi muri Somaliya.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akavugako ivyo bishobora kuzokurikira ikoraniro kaminuza ry’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ryoba ritegekanijwe muma tarike ya 16 nzero 2022 mu ntumbero yo guhinyanyura amategeko awugenga no gusubiriza bamwe bamwe bahawe ayandi mabanga:

Uwahoze ari umushingamateka Anglebert Ngendabanka agashobora kuzosubira Sylverstre Ndayiziga mumabanga yo gukurongora imihari yegamiye uwo mugambwe. Gabby Bugaga agashobora kuzosubirira Nancy Ninette Mutoni mumbanga yo gutwara igisata co kumenyesha amakuru. Uwo Nancy Ninette Mutoni bikavugwako ashobora kuzoca arungikwa guserukira uburundi mugihugu kibanyi c’urwanda mugihe Evelyne Butoyi, umuvugizi w’umukuru w’igihugu ashobora kuzoca agenwa mumabanga yo guserukira uburundi mugihugu ca Etiyopiya aho azosubira mukibanza ca Ambassadeur Willy Nyamitwe aramutse arungitswe muri Somaliya.

Tubamenyesheko Ambassadeur Willy Nyamitwe ahejeje gutanga amakete amugena mubushikiranganji bw’imigenderanire ya Etiyopiya n’amakungu kuruye wa 03 nzero 2022 kandi twobibutsako igihe yagenwa kuba ambassadeur yaciye agenwa mumabanga yo kuba umwe mubagize CNC hanyuma arungikwa muri Etiyopiya ahajeje gutorwa kurongora urwo rwego rujejwe kugenzura amakuru n’ibinyamakuru.