Burundi : Abarozi batungishije abapfumu

Burundi

Haraheze imisi tubabwiyeko uburozi bwabaye ndanse mu Burundi. Hari abatanguye kwibazako reta ataco iriko irakora mukurwanya ubwicanyi bwabaye ndanse hakoreshejwe uburozi bagasabako amatohoza yohera kubavura abariye uburozi kugira hamenyekane ababutanga n’ababatuma.

« Twebwe baratubujije kuza turaja mu bubare ngo boturogerayo.»

Amajambo umutegetsi umwe  yabwiye ikinyamakuru Itara Burundi. 

Twariko tugira amatohoza tumenyeko muri reta boba bazi ko uburozi bwamaze kuba nk’ikigwanisho kandi bubangamiye imibano y’abarundi gushika ubu.

Imihana myishi iravugako uwabo yahawe uburozi canke abari murubanza ahantu ngo bariye uburozi, abandi bakakubwirako no mu Kamenge mu gisagara ca Bujumbura hagati y’amabarabara ya 13 na 14 hari umuntu avura abantu baba bariye uburozi. Bakavugako umurongo w’abantu ari muremure w’abaja kumwitura kumunsi ku munsi, umuntu umwe akamuvurira amafaranga ari hagati ya 20000 na 25000FBu.

Umwe mubahuye n’ivyo vyago agasaba reta kwitaho gurondera no gufata abantu batanga uburozi ikongera ikabaza abapfumu bavura uburozi bakerekanako ataho bahuriye n’ababutanga kugira ntibazosange butangwa n’abakozi babo kugira baronke amafaranga menshi y’abaza kwivuza.