Burundi : BADEA, ibanki y’abarabu ijejwe iterambere yatanze ingurane kunyungu z’umurengera.

Kur’uyu wa kane igenekerezo rya 16/01/2020 inama nshingamateka y’uburundi yize yongera yemeza integuro z’amategeko yemeza ingurane reta y’uburundi yahawe n’ibanki y’abarabu ijejwe iterambere BADEA harimwo iy’amadorari y’abanyamerika imiriyoni cumi (10 000 0000USD) azokoreshwa mukurangura imiti n’ibikoresho vyo kwa muganga biciye muri CAMEBU.

Umushikiranganji w’ubutunzi n’iterambere Domitien Ndihokubwayo yari yitavye inama nshingamateka kugira asigure ibijanye n’izo nteguro, yabajijwe ibibazo bitari nike, mur’ivyo hakaba harimwo ic’umushingamateka Anglebert Ngendabanga yabajije igitegekanijwe kugira ayo mafaranga yose azobe yishuhwe mukiringo kitarenga imyaka ibiri n’inusu catanzwe n’iyo banki, aho yerekana amakenga ko inyungu isabwa kur’iyo ingurane ari nini kandi n’amafaranga ari menshi yatanzwe mukiringo gito cane, umushikiranganji Ndihokubwayo akaba yishuyeko amafaranga imiriyaridi cumi n’umunani z’amarundi (18 000 000 000FBU) ari make cane ko reta izoba yayishuye. Inama nshingamateka ikaba yaciye iryemeza 100%.

Tubamenyesheko kuva mumwaka wa 2015 hadutse intureka mu gihugu zivuye kukiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza yitoje bidaciye mu mategeko nk’uko abaciyamirije babivuga, abahora bafasha mw’iterambere bagafatira ibihano reta y’uburundi,ibanki y’abarabu ijejwe iterambere BADEA yoyo ntiyahengeshanije guha ingurane reta y’uburundi kugira irangure imigambi itandukanye, aha twotanga akarorero nko mugukingira ibidukikije biciye mukigo OBPE, mumigambi yavugwako ariyo gukwiragiza umuyagankuba mu gihugu cose no mw’iterambere.