Burundi: Umugambi wo gufumbiza amazirantoke n’umwanda mutoya uzokworoha?

Kimwe mubikoreshwa mugukora ifumbire ya kigambere harimwo amazirantoke n’umwanda mutoya, ikigo ISABU gikora ivyirwa n’ubushakashatsi kubijanye n’uburimyi kikaba caramaze kumenyeshako ivyirwa vyaheza kandi basanze arivyo.

Nk’uko Jérôme Kazabukeye arongoye ico kinyamakuru Itara Burundi  yari yarabitohoye imbere yo kubishira kumbuga rwiwe rwa Facebook kw’igenekerezo rya 19 Munyonyo 2020 https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=pfbid02WmparwQdXfKwLM3MpjWVgpo3HhTvoCkViv9hfPVLYvP9yY4LjDWVCEzV1PHPwLY3l&id=100002010041810&mibextid=Nif5oz

Hanyuma n’ikigo ISABU kigahava kibigirako aubushakashatsi, amazirantoke n’umwanda mutoye ni ifumbire ikomeye kandi yimbuka cane.

Abahinga batandukanye bavuganye na Jérôme  baremejeko amazirantoke n’umwanda mutoya bifumbira kandi bikozwe neza  mu Burundi hatosubira kwibonekeza ikibazo c’umwavu wa kijambere.

Twihweje ibwirizwa rigenga amafaranga reta izokoresha muri uyumwaka wa 2023/2024, hasigaye kumenya nimba mumafaranga yagenewe guteza imbere amahinguriro atarenga imiriyoni ijana na mirongo itanu (150 000 000FBu) azohava  avamwo ihinguriro ry’uwo mwavu n’uko muma faranga yategekanirijwe ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yababa imiriyaridi amajana atatu harimwo ayazofasha muvyo guhingura iyo fumbire.

Tubamenyesheko higeze kuba umugambi wo guhingura umuyaganguba uvuye mumazirantoke n’umwanda mutoya witwa BIOGAZ ariko abarundi batari bake banka kuvyitabira ngo ntawotekesha amazirantoke canke ngo atacanishe amatara.

Mubona abarundi bazohava bemera gufumbiza imirima uwo mwanda?