Burundi : Birihuta: Antoine Manuma arongoye syndicat SYGEPEBU araye mw’iperereza.

Inyuma y’imisi itatu Victor Ndabaniwe, umuhanuzi mu bushikiranganji bw’indero, akaba atwara ikigega FLE, kijejwe gutegekaniriza uburaro abigisha akongera akaba arongoye urunani rudasanzwe rw’amasendika y’abigisha COSSESONA asavye reta ko abari mumasendika atari muri urwo runani arongoye bofatwa nk’abansi b’igihugu, Antoine Manuma atwara SYGEPEBU, imwe mur’izo araye muminwe y’iperereza.

Mugihe ikigega kigejejwe gutegekaniriza uburaro abigisha kimaze imisi camamaza ku maradiyo no kumbuga ngurukana bumenyi uburusho categuriye abigisha, gica kibivanga n’ivy’urwo runani rw’amasendika COSSESSONA, aho abigisha benshi bumvako baca bajuragirika mu kwitiranya FLE na COSSESSONA narirya birongowe n’umuntu umwe bigatuma batinya gusinya urupapuro twaheruka kubabwira ko bidogako bariko barusinyishwa kugahato.

Kw’igenekerezo rya 05/01/2020, Victor Ndabaniwe kw’izina rya COSSESSONA hamwe na Emmanjel Mashandari icegera ciwe barasohoye urwandiko rwo kwiyamirira ama sendika SYGEPEBU na SEPEDUC, aho bayagirizako abayagize bashaka guhungabanya umutekano w’igihugu, « Igihe c’amasendika yo hugindura ibintu cararenganye, ntabigisha botera umugumuko tutabahaye uruhusha » bimwe muvyo bandiyse.

Inyuma y’imisi itatu, iperereza ryaciye ritangura gufata indongozi z’ayo ma sendika zihereye kuri Antoine Manuma yararongoye sendika SYGEPEBU mugihugu cose aho ryamusanze hafi y’umuhana iwe mu ntara ya Rutana ku mugoroba w’uno watagatu igenekerezo rya 8/01/2020.

Amakuru dukura hirya no hino mu Burundi atumenyeshako intandaro yivyo vyose naho aro amafaranga 500F bibonekako ari make azokatwa ku nguvu umwigisha ko ashobora gutuma haba yegereyegere y’abigisha mugihugu cose naho Víctor Ndabaniwe yirirwa arasinya ngo baravyumvikanye, abigisha benshi ngo ishavu riraniga.

Tubamenyesheko ico kibazo ca COSSSESSONA n’abigisha, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza mu ikiganiro yahaye abanyagihugu kw’igenekerezo rya 26/12/2019 yakibajijwe akishurako atawuzoterera ku nguvu

amafaranga amajana atanu (F500) kukwezi gusinya kurwandiko ruriko rurazunguruka gushika mu kwakabiri 2020 ruvyiyamiriza arinaco yoba ariko arazira.