#Burundi: Uwozoserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD ngo azotangwa n’imana.

« Uhoraho niwe agira ngw’abarwanire, namwe ni mwinumure gusa .. » ivyo tubisanga mu butumire bwo kwitaba igikorane categuwe n’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD kizoba kumagenekerezo ya 23,24 na 25 nzero 2020 mu ntara ya Gitega bwatanzwe na Gnl Mjr Évariste Ndayishimiye, umunyamabanga mukuru wawo.

Hamaze imisi havugwa abantu benshi ngo bazoserukira umugambwe CNDDFDD mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kwa gatanu igenekerezo rya 20, 2020 aho ndetse benshi baguma bavuga Général Major Évariste Ndayishimiye alias Never, Itara Burundi tukaba twumvise izina rya Gabriel Nizigama batazira Tibia, hari abavuga ko ari Pierre Nkurunziza azogaruka ku butegetsi abandi bakavuga umutambukanyi wiwe,….

Amakuru dukura mur’uwo mugambwe uri ku butegetsi amenyeshako hateguwe igikorana kumagenekerezo ya 23,24 na 25 nzero 2020 aho hazokoresha abantu ngo bazovugishwa ko umukandida wa CNDDFDD atawundi aruwo imana ishaka ngo kuko uwo mugambwe wayishize imbere. Gurtyo izina rizotangwa abe ariryo abanyamugambwe bemerewe gutora bazoca bemeza atagahigihigi kw’igenekerezo rya 25 nzero 2020, babwigwako ataguhinyuza imana.

Ubutumire bwa CNDDFDD bwo kwitaba igikorane.

Ayandi makuru akatumenyeshako imipira n’inkofero vyo kwiyamamaza vyamaze gukoreshwa n’umugwi washinzwe ngo utegure ivy’amatora muri uwo mugambwe ko ari nawo wahisemwo ubwo buryo bwo gusenga kugira abanyamugambwe ntibahave bacanamwo bapfa ikibanza c’uwokwitoza mu ikibanza c’umukuru w’igihugu. Aho ngo vyoba vyabaye inyuma yaho bumviyeko ari hamwe Petero Nkurunziza atotorwa ngo yiyongeze hari imigumuko y’imbonerakure zoca zija mwnibarabara zikamusaba ngo n’abandanye atwara.

Tubamenyesheko Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu mw’isengesho yasenze mugikorane kirangiza umwaka wa 2019 yasavye imana ko yotora uwuzoba umukuru w’igihugu nabo bakazoja kwemeza gusa kw’igenekerezo rya 20/5/2020, navyo bikaba huye n’imirongo yatanzwe ngo izobe urufatiro mur’ico gikorane kiriko kirategurwa iri mugitabu ca bibiriya, Kuvayo 14:13-20, bikaba vyoba bisigurako abafise uburenganzira bwo gutora bazoca babuhebera imana akaba ariyo itora uwuzokwitoza mukibanza c’umukuru w’igihugu nabo bemeze gusa.

Abakurikirana ibintu n’ibindi bakabonako ari uburyo bwo kugura imitima(achat de consciences) navyo bigashirwa m’urutonde rwo kwiba amatora.