#Burundi: « Abakuru b’amasendika abiri y’abigisha bapfungishijwe n’urunani rutemewe n’amategeko. »

Inyuma yo gupfungisha abigisha Antoine Manuma na Gérard Niyongabo barongoye amasendika SYGEPEBU na SEPEDUC kundwi iheze n’inyuma yaho umugwi ujejwe agateka kazina muntu CNIDH uvyinjiyemwo, Victor Ndabaniwe arongoye urunani rw’amasendika COSSESONA yaciye akoranya inama yihuta yo kwinjiza abanywanyi biciye mumategeko.

Kuma genekerezo ya 08/01/2020 na 09/1/2020 niho Antoine Manuma na Gérard Niyongabo bafatwa bagatwarwa n’iperereza aho gushika ubu bapfunzwe bazirako amasendika barongoye yanseko abigisha bakatwa kunguvu amafaranga amajana atanu(500FBu) asabwa n’urunani rw’ayandi masendika 6 rwitwa COSSESONA rurongowe n’umuhanuzi mubushikiranganji bw’indero, Victor Ndabaniwe.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 10/01/2020, umugwi wigenga ujejwe agateka kazina muntu waciye ukoresha ikiganiro kubamenyeshamakuru aho wamenyeshejeko wari waronse ibirego vy’abarongoye amasendika bivugako abigisha bariko binjizwa ku nguvu muri COSSESONA, kandi amategeko yaba ay’uburundi canke mpuzamakungu avugako umukozi afise uburenganzira bwo kugira sendika canke kwinjira muyo yiyumvamwo atagahato. CNIDH, yamenyeshejeko ishinze umugwi w’abantu batanu5(abakomiseri 3 n’abakozi bakurubakuru bayo 2) ugiye gutohoza uko COSSESONA yinjije abanywanyi ndetse unatorere inyishu ikibazo urwo runani rufitaniye nayo masendika mu kiringo c’iminsi indwi.

Bukeye kuwagatandatu igenekerezero rya 11/01/2020, abarongoye COSSESSONA baciye bakoranya abaruserukira igihugu cose mu ntara ya Gitega, inyuma y’inama bamenyeshako amafishe yo kwiyandikisha mururwo runani yashitse muntara zose aho abanywanyi barwo bakubitirwa kwiyandikisha vyihuta.

Mugihe ubushikiranganji bwo gufatana munda ari agacerere mugihe COSSESONA yo yavugako ayo mafaranga amajana atanu arayo gufasha abamerewe nabi, ababona ibintu n’ibindi bakabonako iyo dosiye ya COSSESONA naho abarongoye inzego bamera nk’abavyirengagiza ishobora gukwega urwanko hagati y’abigisha n’umugambwe CNDDFDD mugihe hoguma hakoreshwa iterabwoba, uwurenganijwe akaba ariwe apfungwa, uwuriko akorera inyuma y’amategeko akaba ariwe yidegemvya.

« Abo bakuru b’amasendika abiri y’abigisha bapfungishijwe n’urunani rutemewe n’amategeko. »

Uwo twavuganye

Tubamenyesheko abo bakuru b’amasendika SYGEPEBU na SEPEDUC bivugwako bapfungishijwe n’urunani COSSESONA kubera basavye abigisha gusinya urwandiko rwiyamiriza ko abigisha bose bakatwa kunguvu amafaranga amajana atanu(500FBu) kukwezi kukwezi bamenyeshako ayo mafaranga azoja mumifuko y’abantu.