#Burundi: Hari ikena no kudasohoka kw’ibinyobwa vya #BRARUDI murino misi.

Amakuru dukura mubihereza ibinyobwa vya BRARUDI hamwe no mubabidandaza atumenyeshako hari ikena kuruhande rumwe no kudasohoka kurundi ruhande ryavyo mur’ino misi.
Ikinyobwa ca #AMSTEL kigurishwa hagati ya 2000 n’amafaranga 2200 iyo kibonetse mugihe igiciro kizwi ari amafaranga 1800 kw’icupa.
#Fanta nazo uwurangura aronka ubwoko bumwe mugihe ikinyobwa ca #Primus naco abakinywa bavugako kirimwo isukari nyinshi.
Bivugwako ikena ry’amafaranga y’agaciro vyoba ariryo ntandaro yo kudakora neza kwa BRARUDI, igihangange mugukora inzoga zambiye n’izitambiye mu Burundi imyaka n’imyaka.