Burundi: Hari isano hagati yo kudahembwa kw’abasirikare bahora muri somaliya n’ikena ry’amafaranga y’agaciro?

Gushika k’uruno wa mbere igenekerezo rya 26/8/2019, abasirikare bahora muri #Somaliya mu bikorwa vyo kugarukana amahoro ntibarahembwa imishahara yabo yo kuva mu kwezi kw’icumi na kabiri kwumwaka uheze(décembre 2018).

Amakuru yatanguye kudushikira kundwi iheze atumenyeshako amafaranga y’agaciro agiye kubuzwa kudandazwa kw’isoko ryamagendo(marché noire) mu ntumbero yo kugabanya agashavu kubasirikare babona bahembwe icakabiri c’amafaranga bakoreye ari hamwe bagereranije uko amafaranga avunjwa:
Muri banki ya républika y’uburundi idorari ry’abanyamerika rivunjwa ayarenga gato 1800 mugihe hanze ya banki rivunjwa amafaranga arenga 3000.
Abasirikare basanzwe bakorera amadorari igihumbi y’amadorari(1000USD) arenga imiriyoni zitatu(3000000FBu) ariko reta ikaba itabarenza (600USD) angana umuriyoni n’amajana umunani(1800000FBu) ku kwezi bakazosanga barenza garo umuriyoni n’ijana(1100000FBu).

Amakuru dukura mugisirikare c’uburundi atumenyeshako ishavu riniga bivanye nuko bageze iyi tarike batarahambwa kandi baziga gukatwa amafaranga arenga imiriyoni zibiri z’amarundi ari hamwe babihereye muminwe ayo bakoreye yose kukwezi.

Tubamenyesheko naho inama nkuru y’umutekano yategetse kugabanya akajagari kari muvyo kuvunja amahera, ukuvunja kuri marché noire bitarahinduka kandi bikavugwako bitimirije guhinduka.
https://www.facebook.com/730436084002052/posts/887652641613728/