Burundi : Ibisikanya rya baburamatari

Kur’uyu wa imbere igenekerezo rya 13/7/2020 buramatari mushasha w’intara ya Cankuzo, Boniface Banyiyezako yabisikanije n’uwahahora Désiré Njiji.

Désiré Njiji na Boniface Banyiyezako(yambaye amarori)

Nk’uko amakuru dukura mur’iyo ntara abivuga buramatari yahora arongoye intara ya Cankuzo Désiré Njiji yashikirije Banyiyezako Boniface aheruka kurongora iyo ntara, imigambi itari bwarangurwe nko kwubaka ibitaro vyo muri Komine Mishiha, amabarabara ahuza amakomine, ikibuga c’umubipira co mu Cankuzo, amashure, amavuriro,….

Intara ya Cankuzo ikaba yarimaze ikiringo c’imyaka itanu isa n’iyiri mu bihano aho atamushikiranganji n’umwe umuhisi Petero Nkurunziza yaheruka kugena ava mur’iyo ntara kuva aho mumwaka wa 2015 abanyamugambwe CNDDFDD benshi bava mur’iyo ntara harimwo n’uwari umuvugizi wiwe Léonidas Hatungimana bamwandikira ikete bamusabako atotwara ikiringo ca gatatu apfuye atanasozereye. Eka n’inyuma yaho Pascal Nyabenda umukuru w’umugambwe w’ico gihe abisikanya na Évariste Ndayishimiye kurongora umugambwe uri kubutegetsi mumwaka wa 2016, akaba yari yamumenyeshejeko iyo ntara ya Cankuzo ariyo ntara yamugoye gutwara kurusha izindi, ivyo bikaba vyoba vyaratumye imigambi mikuru mikuru yoranguriwe mur’iyo ntara yikwega aha akarorero kakaba ari igisata ca kaminuza y’uburundi cuguruwe inyubakwa zimaze imyaka itatu ziteguwe.

Arihamwe amabaraba ahuza amakomine yokwubakwa, intara ya Cankuzo abahaba bakavugako yoca iba nka Canada yo mu Burundi: Amafaranga arihwa mumodoka kuva mumakomine ya Cendajuru, Gisagara na Mishiha uja kumugwa mukuru w’intara akaba ariyo menshi kuruta kuva mu Cankuzo uja i Bujumbura bitavuye ko ari kure ahubwo ari kubera amabaraba mabi. Izo komine tudondaguye zikaba zimbuka ariko kubera atamabarabara abarimyi aho gushorera umwimbu muzindi ntara z’uburundi bahitamwo kubishorera mugihugu ca Tanzaniya iyo abadandaza bafise imodoka zikomeye bataje kubagurira umwimbu kumafaranga y’intica n’ikize.

Tubamenyesheko ibisikanya nkiryo twashoboye kumenya ar’iryo muntara ya Bururi, intara nayo itaronse umushikiranganji n’umwe mu baheruka kugenwa.

Buramatari yahahora na mushasha(yambaye agapira)