Abanyeshuri baturuka mugihugu kibanyi ca RDC biga mumakaminuza yo ngaha mu Burundi bahagaritse ivyigwa biturutse ku ngingo ya reta y’uburundi yo gupfunga bagenzi babo murino misi.
Ivyo bikaba vyashikirijwe mu rwandiko rwasohowe n’ihuriro ry’abo banyeshuri bava mur’ico gihugu biga mu Burundi bwose ariyo CECOB mumpfunyapfunyo y’ururimi rw’igifaransa, ku munsi w’Imana igenekerezo rya 22 Nyakanga 2019.
Muri iryo tangazo, abo banyeshuri bakamenyesha ko bahagaritse ivyirwa kuva kuri uyu wambere igenekerezo rya 23 Nyakanga 2019 ku banyeshuri biga kumakaminuza yose ari kubutaka bwose bw’Uburundi.
Iryo tangazo rikaba ritamenyesha neza ikiringo canyuma c’iryo hagarikwa, aho rimenyesha ko ivyirwa bizosubira kubandanya ukuri kwamye mugihe ingingo yafatiwe abanyeshuri baturuka mur’ico gihugu ca Congo ryo kubatoteza, babafata bakabafunga bazira ko boba badafise ivyangombwa bikwiye bitangwa n’igipolisi kijejwe uruja n’uruza.
Bakavugako iryo totezwa ryabo rikorwa n’abapolisi ba reta y’uburundi, hakaba hamaze guharura abanyeshuri bagera kuri mirongwicenda (90) muribo bafashwe mukuringo c’indwi imwe gusa.
Iryo tangazo rikaba ryashizweko umukono n’uwurongoye iryo huriro ry’abo banyeshuri baturuka mu gihugu ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Vital CIRHUZA M.
Iryo huriro ry’abo banyeshure rikaba risaba ko abarongoye abandi mu makaminuza yose yo mu Burundi yovyitwararika mu gushira mungiro iryo hagarikwa gushika aho reta y’igihugu baturukamwo ifadikanije na reta y’Uburundi bazotorera umuti ico kibazo.
Ako kamo kakaba kitabiriwe n’abarongoye abandi mu makaminuza, aho ni mu gihe hari urundi rwandiko rusa n’urwo rwasohowe n’abanyeshuri babbagenzi babo basanzwe bakurikirana ivyirwa vyabo muri kaminuza » Hope of Africa University » narwone rumenyesha ihagarikwa ry’ivyirwa mugihe benshi baguma batotezwa na reta ya Nkurunziza.
Ntitwashoboye kuronka umuvugizi w’igipolisi ngo atange umuco kuriryo hagarikwa ryabo banyeshure.