Burundi : Ikiganiro Umubano N°002 : Yagiye muri misiyo asanga umugore afise inda y’uwundi mugabo

Umuryango wo mu ntara imwe yo mu Burundi wari ubanye neza cane imbere y’uko serugo aronka misiyo yo kuja gukorera hanze y’igihugu ariko kuva agarutse uwo muryango ugeze aho umwansi ashaka.

Mugihe yari yimirije gutaha avuye muri misiyo, umugabo vyaramuguye mumatwi ko umugore wiwe asigaye asambana n’abandi bagabo. Ashitse iwe icambere kwabaye kuja gupimisha umugore wiwe kugira asuzume ko atandwara yoba yaranduye. Umugore abanza kwanka ariko umugabo aca amubwirako ariryo tegeko babahaye kukazi ko nabo bategerezwa gushika bipimisha mu ntumbero yo kumenya uko bitwara.

Aramusigurira birakomera ko bishitse agasanga afise indwara zandukira biciye muguhuza ibitsina ata na misiyo nimwe azosubira kuzoronka narirya aribwo bwambere uwo muryango waruronse amahirwe yo kwubaka akazu kambere ko kubamwo mumafaranga yarazanye.

N’uko baragiye kwipimisha, baca basanga bose ntandwara bafise ariko umugore basanga afise inda y’amezi abiri. Umugabo yahatswe kwikubita hasi ariko baramufata baramuremesha.

Ikibazo rero uwo muryango ufise:

Umugabo akunda abana babiri bakiri bato bari bamaze kuvyaranya, akiyumvirako yahukanye n’uwo mugore akarongora uwundi abo bana bazoca baribwa umutima na mukase bagakura bamwanka. Akiyumvira kurera umwana atavyaye navyo bikamwanka munda.  

Umugore nawe yiyumvirako aramutse akoroye inda amategeko azomuhana agaca aciribwa uwo guherayo kandi n’umugabo agapfungwa azira kudatabara umwana arimunda.

Ntibakivugana umwana ari mukuvuka.

Mubahanuye iki?

Ufise umuryango ukeneye impanuro z’abasomyi b’ikinyamakuru Itara Burundi, twandikire iyo nkuru kuri itaraburundi2014@gmail.com (Ntituvuga amazina)