Hari umusoda yapfuye yaraye mw’ihoteri

Kaporare Chefu  Dusabeyezu Vianney, umusoda yahora ari umushoferi mw’ikambi yo ku Mutukura mu ntara ya Cankuzo yapfuye muri kino gitondo co kuwa 7 Ruheshi 2023 mugihe yari yaraye mw’ihoteri Get UP, umukobwa bararanye akaba ari muminwe y’abajejwe umutekano kumvo z’amatohoza.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, mu gatondo basanze Kaporare Chefu  Dusabeyezu Vianney ari ikiruruma mw’ihoteri Get Up yo kumurwa mukuru w’intara ya Cankuzo, baca bamutwara mu bitaro vyaho mu Cankuzo aho yaciye acikanira. Aho ni mugihe yari yararanye n’umukobwa yitwa Nimbubona Concilie.

Kaporare Chefu  Dusabeyezu Vianney afise numero ya matrikire  62630/HR16388 yavuka ku mutumba  Gatwaro komine Nyarusange  mu ntara ya Gitega uwo Konsiriya nawe akaba avuka ngaho mu Cankuzo. Uwo nawe akaba yaciye afatwa kumvo z’amatohoza.