Kayanza: “Abafise abagore babiri canke barenga batabirukanye bazofatwa nk’abashaka guhungabanya umutekano w’igihugu”

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 9 Ntwarante 2024, inyuma y’ibikorwa rusangi mu ntara ya Kayanza, buramatari Rémy Cishahayo yatanze akiringo ntarengwa co kwirukana abagore baharitswe.

Buramatari yasavye ko abafise abagore barenga umwe boba babirukanye bitarenze itariki 31 Ntwarante 2024. Iyo ngingo ifashwe inyuma y’amatati aguma yibonekeza mw’iyo ntara afatiye kuguharika aho n’abagore bata umugabo mu nzu n’abana bakaja kuwundi mugabo ibitari bimenyerewe ko umugore agira abagabo barenga umwe.

Buramatari Rémy Cishahayo yasavye abatwara imitumba yose mu ntara arongoye kumufasha kugira iyi ngingo ije mu ngiro kandi akongerako ko n’abasilamu batosigara inyuma kugira umugabo wese agumane umugore umwe abandi batahe kurindira uwo Imana izobaha, Niko Rémy Cishahayo abandanya avuga.

Abazorenza ikiringo catanzwe batarashira mu ngiro iryo tegeko bazohabwa ibihano ruhasha kuko bazoba bariko bahungabanya umutekano w’igihugu.

Laisser un commentaire