Burundi: Umwigisha yahanye abanyeshure birenze urugero

Burundi

Kw’ishure rya ECOFO Ngobeke, riri muri zone Mubuga, komine n’intara ya Gitega umwigisha yarahanye abanyeshure mur’iyi ndwi turangije ngo ntibatoye ikibazo c’igifaransa, abatakomeretse baravyimvye amavi.

Bivugwako uwo mwigisha yapfukamitse abanyeshure abahoye ko batatoye ikibazo c’igifaransa, abazungurukisha mw’ishure rishashemwo amabuye bapfukamye gushika aho bamwe bakomereka abandi baravyimba amavi.

Burundi
Abanyeshure bahanywe birenze urugero bo kuri ECOFO Ngobeke

Abo bana bakaba baciye bajanwa n’abavyeyi babo kw’ivuriro ritoya ryo ku  Mubuga ngaho muri komine Gitaga, bagasaba ko uwo mw’igisha yobazwa neza icatumye ahana abana babo akoresheje igihano kirenze aho kubigisha ngo bamenye ico gifaransa kugira bazotore ibibazo vyo hanyuma.

Abo bavyeyi basabako yoriha amafaranga bariko bavuzako abo bana yongere abazwe n’ivy’iyo nyifato, ariko bakaba bafise amakenga ko ataco azobazwa kubera ari mumuhari w’imbonerakure, urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi.