Burundi: Ikiganiro #Umubano N°009: Umushahara muto ukenewemwo vyose

Burundi

Joël, izina ritirano, akora akazi kabayabaye agahembwa amafaranga ibihumbi amajana abiri ku kwezi(200000FBu). Umugore wiwe ntakazi arigera aronka, yaratanze dossier hose arakabura, arateba ararambirwa araheba gusaba akazi . Bafise abana babiri, umukuru azotangura ishure mukw’icenda kuza. Bahanure uko bokoresha uwo mushahara kugira babeho kandi n’abana bavyara bazokwige neza mumashure bipfuza. #Burundi