Burundi: “Impfungwa zose,ntizakoze ivyaha zagirizwa!” Ubutumwa bugenewe Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu.

Kumusi wa gatatu igenekerezo rya 17 ntwarante 2021 hari umunyagihugu yandikiye ikinyamakuru Itara Burundi adusabako twomutangira ubutumwa bukazoshikira umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye. Tubanje gusaba imbabazi ko twabutanze duteba niho twari tukibusoma. Yagize ati:

“Turabashimiye cane ku makuru mutanga kuko kenshi dusanga ari ay ukuri. Nimukomere kw’ibanga n umwuga mwiyemeje vyo kumenyesha amakuru.

Amakuru muherutse gutanga, yerekeye imyidogo y’imbohe, nay’ukuri ntaco mwabeshemwo. Nkaba nanje nongera ko ibi bikurikira:

Nk umwenegihu, ndashimira cane nyakubahwa sebarundi ku mugambi n’ishaka afise vyo kugorora ubutungane n’ibindi bisata vy’igihugu. nkamushimira kandi ko leta arongoye yayihaye akazina keza cane ( leta mvyeyi , leta nkozi) ariko imvugo nijane ngiro.

Ku bijanye n’ubutungane, kuva ashikiriye amabanga yo kurongora igihugu, yaraneguye cane ibikorwa vy’ubutungane kandi yabaneguye bikwiye kuko ivyo yavuze nivyo abarundi benshi basanzwe bagaya uretse ko bataronka aho babivugira.

Mu mugambi wiwe wo kugorora ubutungane, ndabasavye muzodutangire aya makuru:

Imbohe si zanyagupfa, n’abenegihugu nk’abandi, zirafise ico zoterera mw’iterambere ry’igihugu; vyongeye, impfungwa zose, ntizakoze ivyaha zagirizwa! Hariho abapfunzwe n’igikenye c’abaganza kandi ntibashobora kuronka ubutunga naho bokwita ku rutare.

Abandi nabo, barapfungwa kubera kuremekwa inkono ishushe, bakabaremera ibinyoma kubera urwanko n’ishari biri mu bantu bafise ivyo bapfa

Kugira ngo ubutungane bugororwe bimwe biboneka, muradusabira sebarundi nk’uko yavyemereye abenegihugu bidegemvya ko azobaha ubuhinga bushasha bazokoresha mu kumushikiriza ingorane bafise n’ivyipfuyo vyabo :

1) N’imbohe yozironsa ubwo buhinga kuko zirarengana zikabura uwuzitabara ;

2) Sebarundi arakwiye gushiraho mw’ibanga , abantu b’ijunja n’ijambo bamufasha kumenya ibibera mu bisata bitandukanye vy’igihugu na cane cane amafuti ;

3) Mu butungane barihaye ikiringo c’amezi 2 kuva muku munani 2020 co kuburanisha imanza zose kandi mu ma sentare yose , mu nyuma bariyongeye ikindi kiringo c’imisi 17 ; muri ivyo biringo vyose , sentare y’ntango n’ama cour d’appel zarakoze bimwe biboneka zirashika ku mabohero kuburanisha , ariko cour suprême ntaco yakoze. None iyo sentare ntitwarwa mu burundi ? Abantu benshi na cane cane imbohe baridogera iyo sentare ko idindiza imanza. Nyakubahwa sebarundi yoyihagurukira nayo akayivugurura.

4) Sebarundi arakwiye kumenya ko mu butungane hariho ama dossiers bita ; << dossiers sensibles >> , bayita kandi << dossier politique >> mu vy’ukuri ayo ma dossiers nta mucamanza ayakorako kubera kuyatinya . Bagatinya ingaruka mbi bogira mu gihe bocica batisunze ico abategetsi bapfungishije abo bantu bashaka. Ayo ma dossiers usanga mu kuyubaka umuntu bamwagiriza ivyaha vy ‘ agacamutwe ( A S I , Tentative assassinat , assassinat , P B A ,…..) kenshi cane nta cabona kikwagiriza baba bafise , nta n’itonga riba rihari ! ariko umucamanza ategerezwa kugucira urwa pilato kandi akanakubwira ko yakurenganije kubera itegeko yahawe ! bikavurwa ko S N R ariyo iza imbere mu kwivanga mu vy’ubutungane. turasabako izo dossiers zifutwa kuko zimwe zaciwe ku gikenye , izindi barazihamvye imyaka myinshi kuko badashaka kuziburanisha

5) Sebarundi arakwiye  kumenya kandi ko mu kurenganya imbohe , babashwiragiza mu mabohero atandukanye kugira gusa bize bigorane ingene baburana. Ex : dossier collectif canke tout prévenu. Kugira ngo ashikire, ategerezwa kwirihira transport et les frais de mission y’aba polisi bazomucungera . Uwutabishoboye ntapfa aburanye, transfert ikwiye guhabwa uwahejeje kuburana canke uwanyomoje mu ndero mbi.

6) Umukuru w’igihugu wacu arakwiye gushiraho amategeko ahana uwo wese ahohotera abantu yitwaje amabana n’igihagararo afise mu gihugu ; itegeko rishinga ikiringo ( umwanya) ntarengwa urubanza rumara mw’iyungururizo , kirenze rugafutwa kandi rigahana n’uwarudindije.

Harakwiye kandi amategeko ahana umucamanza yarenganije umwenegihugu kandi yategerezwa kumurenganura nico kimwe n’abashikirizamanza bitwaza ububasha bafise bagapfungira abantu ubusa . Kenshi bama bivugira ngo , amategeko aradukingira ntidukurikiranwa ku makosa yo mu kazi , badutumye gupfunga ntibadutumye kurekura , ahandi naho ngo ngira nkwereke ko mfise ububasha bwo kugupfunga.

7) Ikindi nyakubahwa Sebarundi nashireho imigambi yo gufasha imbohe ubwazo n’igihugu ex kubigisha imyuga itandukanye( uburimyi n’ubworozi , kubaka , gusudira , kubaza , kubarira , kudesa , gusiga amarangi , plomberie , indimi n’ibindi ). »

Kwigenekerezo rya 31 kigarama 2020 umukuru w’igihugu yarashikirije mw’ijambo risozera umwaka ko hari umugwi uriko urasuzuma abazopfungugwa mu kigongwe c’umukuru w’igihugu. Ico kigongwe yahavuye agitanga kw’igenekerezo rya 05 ntwarante 2021 ariko gushika kur’uyu wa 22 ntwarante 2021 aho twatanga ubu butumwa ntamunyoro n’umwe twari bwumve ararekurwa.