Burundi : Ikiganiro umubano N°004 : Terefone isambuye urugo

Umugabo yagiye kukazi yibagirira terefone muhira, umugore asigara arasoma ubutumwa burimwo, asanga uwo mugabo yandikiraniye n’umuhabara aca arashavura, siwe yabonye aratashe ngo abimutuke, uwo mugabo nawe aca aramuheba.

Umugabo yarafise umuhabara, barandikiranira. Umugore w’uwo mugabo amaze kubisoma bimwanka munda akarira umugabo wiwe kubona yubahuka akarenga kumasezerano bahanye akaja kurondera abandi bagore.

Ubwo nyene umugabo n’ishavu n’akantu yaciye abwira umugore ko ivyabo bihagarariye ngaho ko atakimushaka ndetseko bahukana.

Gira impanuro utanze. Ufise amakuru nk’ayo uyaturungikire kuri itaraburundi2014@gmail.com abasomyi baheze batange impanuro.