Kur’uyu wa gatatandatu igenekerezo rya 04 mukakaro 2020 hazindutse uruhagarara mw’ibohero ry’i Muyinga bivuye kundya zaheze, abanyororo ba bagaca bagira imyiyerekano.
Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, mw’ibohero rya Muyinga hazindutse imyiyerekano. Abanyororo bakavugako indya bari bagenewe zoba zisohokakugurishirizwa hanze y’ibohero bikozwe n’ababacunze. Bagasabako iyo ngendo yohagarara.
Tubamenyesheko naho umwimbu wagenze neza mugihugu mw’irima ry’imeshi ibiciro vyo bitamanutse nk’uko vyahora bigenda muyindi myaka kubera ikiza ca COVID19 catumye imipaka ipfungwa.