Kwikukira kw’uburundi: Ikiyago gikomeye twagiranye n’umukurambere.

Kwikukira mu Burundi womenga kwabaye kwirukana abazungu bera. Gushika ubu womenga kwikukira ni kwirukana uwo mudasa, mudasangiye ivyiyumviro. Vyadukwegeye kutazopfa kwikukiye vyukuri! Uko niko ndabibona ndavye ivyo twakuze twigishwa.

Abanditse kahise k’uburundi bamwe bamwe batatwigishije neza ingene intwaro y’abakoroni yari imeze nabi. Biboneka ko atakivugwa na kimwe boba baratwigishije canke inyigisho twakuye ku ntwaro y’abo twita abakoroni. Birumvikana kubera badutwara baducinyiza atanico twaphana wumvirije bamwe bamwe. Ariko hari ababaye muri izo ntwaro baravye ivyagiye birakurikira bafise isanamu abarutse ubu badafise. Hari ivyo bita ikinyegezwa canke ikitavugirwa ku mugaragaro ”Tabou” naho hoba harimwo ukuri kuko biza bidahuye n’ico abantu bemera canke bakuze bigishwa. Ariko kubera iterambere ryo guhanahana amakuru nibaza ko ivyo biyagirwa haziko canke mu bwongoshe mu gihe harimwo ukuri vyokwandikwa mu gihe bitaza bihungabanya agateka ka zina muntu, ngo bitwake ukwigenga kw’ikihugu, ngo vyigishe canke bikabure urwanko. Nibaza ko rimwe na rimwe bifasha abantu kwiraba mu cirori bakabona ubwiza bwabo bwose ariko n’agatosi kakaboneka umuntu akakikura canke akamenya ingene abana nako.

Ni muri iyo ntumbero twaganiriye n’umwe mu bakurambere ageze mu za bukuru yabonye intwaro y’ababiligi mu Burundi akanabona n’izindi zagiye zirakurikira. Ico gihe yambwira ko afise imyaka 86. Namubajije ingene yabonye iyo ntwaro. Inyishu yanyishuye ku kibazo namubajije 24/06/2016 nshize hamwe n’ivyo nagiye ndumvana abandi babonye intwaro y’abakoroni ariko bitanditswe canke bitigishijwe abakiri bato vyatumye nibaza igituma twakuze batubwira ububi bw’abaturongoye gusa ntibatubwira icigwa bakuye ku ntwaro yabo. Bibonetse ko boba banka kuvuga ikintu coba carabaye ciza gikozwe n’abatudutwaye tutarikukira kuko vyosa n’ibivuguruza ibizwi ko intwaro y’igikoroni izwi nk’intwaro yahonyanze agateka k’abarundi n’igihugu. Intumbero yanje kwari ukwiyumviro uwoba afise ibindi ntarumva ku vyavuzwe ku ntwaro yabakoroni. Ico gihe twayaga sinari nzi ko nzohava ngomba kubisangira n’abandi. Naramurondeye ngo ndamusabe uruhusha ariko ntawo nashoboye kuronka. Nico gituma nakoresheje izina ntirano Yohani. Umve namwe ingene twaganiriye.

ND. P: Mbe mutama ko wewe ukuze wabonye intwaro y’ababiligi n’izubu wotubwira ingene ubona ukwikukira n’ingene wabonye iyo ntwaro n’amabi yayo?

Yohani:

Kibondo ndazi ko wasomye ivyo abize banditse nanje ndamaze gusoma bimwe bimwe. Ku mabi iyo ntwaro yakoze ntaco nokongerako kuko murabibwigwa bikwiye. Ariko jewe nk’uwabonye ababiligi batwara, ivyo abize bacu banditse urabona ko barundi vyose bandika bagomba kwerekana igituma twagomba kwikukira. Kandi birumvikana. Isanamu bahaye umukoloni iruhande rumwe niyo ariko hari iyindi batabwirizwa kwerekana kuko bica umenga vyohava biza gusigura iyo ntwaro kandi itemewe n’amategeko. Burya biragoye cane kuvuga ukuri kwose muri kahise. Intwaro yitwa iy’igikoroni urumva ko vyumvikana ko abantu baca bavuga ibijanye n’ububi bwigikoroni gusa.

Aho rero mwana mwakuze mwumva ivy’amabi yayo gusa kandi birumvikana. Ariko twebwe twagize amahirwe yo kumara imisi turazi vyishi vy’ukuri kutemerewe kuvugirwa hejuru(Agatwengo ka buke buke).

Burya hari naho baca umugani ngo: « ububi bwa nyoko ububona ukimufise ». Bisigura ko beshi vy’ukuri barifuza cane ivy’uko intwaro y’igikoroni ituvako ariko nka twebwe twayibonye tukaba twaraganira na ba data ingene babona abakoroni bataraza tukabona n’abasubiriye abakoroni isanamu ubu dufise ku bakoloni siyo mwebwe mwarutse vuba mufise. Mu bisanzwe abakoroni ikibi c’abo ni uko badutwara atari abarundi muga bagomba ko dutera imbere no kutwigisha gukora ku nguvu. Harimwo inyungu zabo ariko ntawohakana ko n’inyungu zacu rimwe na rimwe zaca zijamwo. Ikibazo ni uko baje kutujana mw’iterambere rihuriranye n’ico bemera n’ico bashaka ko tuba bigasaba guhindura ivyo twahoramwo. Bica vyumvikana ko bica bigorana ko bavyumvisha badakoresheje inguvu*(Agatwengo). Naho ntagomba gusigura ko bagize neza canke nabi, ngomba kukubwira ingene ndavyumva jewe nk’uko wambajije.

Ariko rero ntitwibagire kandi ko ico gihe n’iwabo hari hakiri intwaro z’igikenye. Ariko nibaza ko abakoroni twabagwanije umenga ntitwiteguye neza ingene tuzobandanya iterambere bari batuzanyemwo. Nibaza ikibazo twamye tugira ni ca kindi yene. Ku bwanje ndemeza ko kwikukira ntivyari bisigura kwirukana umuzungu wese n’abari mu bisata vy’iterambere. Kandi jewe ndi mu bantu batari bashigikiye na gato zimwe za PDC n’abandi batagomba kwikukira. Ariko maze imyaka nihweza ivyakurikiye n’ingene twabandanije dutunganya uburundi ubu ndabona ko hari ico tutahinyanyuye canke hari ivyo twakoresheje ibishobisho. Twari dukwiye kwigenga mu gufata ingingo ariko tukagumana n’abadufasha gukora ivy’iterambere ariko batadutegetse ahubwo rimwe rimwe tukabahanuza ubuhinga kugira babandanye badufasha. Hashobora kuba hari ivyabaye ntamenye mu masezerano ariko ndazi ko ico gihe hari abavyifuza muga bakanka ko abantu babita aba PDC bagaheza bakabinuma. Mbere vyari bikwiye ko umukoroni yemeye guhindura ntagumane mu mutwe ubukoroni ko bari kuguma mu gihugu bakanaronka uburenganzira ababishatse bwo kuba abarundi.

ND. P: Mutama iryo jambo kumenga rirakomeye cane?

Yohani:

”Eeeh rirakomeye nyene, none ntiwaje kumbaza ukuri kandi jewe erega ku myaka yanje ubu ntavuze ukuri ababonye vyishi turiko turagenda abatama aha ndi mu banyuma. (Agatwengo)
Kwirukana ababiligi vyabaye nk’uwikura umwasi agatana n’ivyiwe vyose. Nawe raba iyo ngeso ivyo yaciye ibandanya idukwegera gushika n’ubu. ”

ND. P: Mushaka kuvuga iki aho? 

Ehe raba 1962 twirukanye uwatuganza duca turakubura n’aho yaciye hose. Umenga n’abahinga batafata ingingo za politike nka bose  twarirukanye icitwa umuzungu cose ntigisubire kuboneka mu bisata vyose n’ibitari bikwiye. Ku bwanje vyari vyiza ko abahinga babanza bakigisha bikwiye. 

Mu myaka yakurikiye nka 1966 haje intwaro ya Repuburika ikuye intwaro ya cami, wamenga ibaye nk’isekeza ryo kwikura umuntu wese yakoranye n’intwaro ya cami, uwushoboye n’uwudashoboye. Kwari gusubiriza ico cose cakoranye n’umwami. Mbere abahagiye, naho bari baracinyijwe n’intwaro z’abami nabo baciye bavuga bati reka twirukane ico cose cakoranye n’abami. Bobo bashirako n’agasunuzo mbere n’uwarondeye ukwikukira ntibamuha agaciro nk’uko vyari bikwiye. Ahubwo uwo biketse ko yoba akorana n’abahoze ari abami baca bamufata nk’umwansi. 
Uri uwahoze muri politique, uri uwari umufundi…bose kwari kwigizayo ngo haje bishasha.

Izo ntwaro zose imwe yose ije yazana ivyayo. Ikibazo ntikiri kur’uyu ashoboye iki canke akora iki, ikibazo cari uyu yoba yemera nde. Ukamenga ivy’igihugu vyabaye ivyabantu. n’uwo bita responsable w’ishure ritoya rya arabira umuyobozi iyo atari hafi( succursale) baca bahindura. Tuba twinjiye mu gukorera abantu tuva mu gukorera igihugu.

Demokarasi ije mwaka wa 1993 hoho ngira wariho urazi ko bavyita gususurutsa intwaro za kera n’izabatutsi. Mu misi idashika 100 emwe n’umukuru w’ivuririro ritoya mu gihugu cose yategerezwa gukurwa hakaza mushasha. Abahinga bari baramenyereye canke abatunganiriza neza abarundi ivyo ntibasubiye kuraba, wamenga baje gukubura imporona n’abatutsi nk’uko bavyivugira.
Urumva bica biba umuco. Aho uwuje wese azana abiwe kuva ku mushikiranganji wa mbere gushika k’uwukubura mu biro. 

Mu 2005 umugambwe CNDD-FDD  umaze gutsinda amatora nawo nyene yakurikije uwo muco wo gukura mukazi uwo wese yari afise ico ajewe ku ntwaro za kera (FRODEBU na UPRONA.) mbere hagumaho wa muco w’ugucangatiranya ivy’ubuzi bwa politike n’ubuzi busaba ubuhinga. Aho usanga n’uwucunga ishamba ku mutumba munaka canke umufundi w’indimo wo ku mutumba bataraba ko ari uwubishoboye baraba ahubwo ko ari umunywanyi wawo awukorera bigashimwa.
N’uko abahinga bakoranye n’izindi ntwaro bakirukanwa ubutarariye canke bagasabwa kwinjira mu mugambwe watsinze kugira bagumane akazi. Biba umugenzo, noneho abantu baramenyera kwibagira ivyigihugu baja mu gushimisha imigambwe n’abantu babashizeho.

Ivyo vyose vyagize ingaruka mbi 2 zikomeye cane. 

Ubwambere kwirukana abantu ikivunga bashoboye akazi kubera ko bakoranye gusa n’abahoze batwara. Vyatumye umwimbu uza uragabanuka kuko ubuhinga n’ubumenyi bwogiriye akamaro abarundi bwaratakaye. Kandi kubera uwirukanwe yaba abizi usanga ataca yihutira kwigisha uwundi azomusubirira kuko yabona ko arenganijwe we atari mu bibanza vya politike. Ivyo rero bigatuma wa wundi yamusubiriye bimufata umwanya munini wo kwiga ico ajejwe. 

Icakabiri abantu ntibaheza ngo bihutire gukora akazi neza ahubwo baca bihutira kunezereza abanyamigambwe bamushizeho abanyagihugu bagasigara bameze nka banyamwigendako batagira uwubatunganiriza. Ubuhinga bwaragabanutse cane mu bisata vyubuhinga kuko ntabunararibonye no kwiyumvira ibigezweho bisubira kwiyumvirwa. 

Ica gatatu gikomeye cane, abantu beshi basigaye babona ko kuja mu mugambwe ugakorana n’uwuriko aratwara ari rwo rukiza rwonyene. Abantu bagahiganwa gusya batazambaye mu guhiganwa bakora amarorerwa ngo bashimishe ba shebuja mu mugambwe uri ku butegetsi kugira baronke amaramuko. Bigatuma abatari mugambwe utwara bihebura kuko babona umenga nta kazoza bagira. Umuco wo kwiyumvira gukora ukoresheje ubuhinga, kwimenya, kwiyumvira bishasha uca unigirwa mu menshi n’abatwara babona ikintu cose badategeka nk’ikibagwanya canke bakaronderamwo inyungu zidaciye mumategeko. Ku bwabo inyungu z’igihugu ziba zihagaze kuvyo bo nyene bategetse kandi bafisemwo inyungu zabo gusa. Ivyo rero bituma abantu bahinduka bakagira ivyiyumviro bihagaze kwishaka ry’uwutwara. Uwugize ibindi naho vyoba ari vyiza bakamubonamwo umwasi. Abantu bagakurikira bakaba abantu bo gukoma amashi gusa. Mu gihe ata bushobozi n’ishusho (Leadership et vision) bafise, abarundi bose baca bagwa mu kinogo co kutagira isaganirizo bakabaho atantumbero kandi batanashobora kwiyumvira gusaganiriza ahandi mu twabo kubera vyose politike ivyivangamwo. Ninaho usanga haza ibiturire, abikorera utwabo bagahiganwa muri politike kugira ntibatange amakori n’amatagisi canke abatware ntibabagore mur’urudandazwa rwa magendu. Kandi ivyo si ivy’ubu gusa nk’uko nabivuze.

Ingaruka mbi ya nyuma ni kutagira isuzuma ngo abantu binegure bukebuke. Uwuje wese ata amabi kuwo yasubiriye na nyaburya aca yifatira uburyo bwose bwo gutumatumanako (moyens de communication) kugira ijambo ryiwe abe ariryo ryumvirizwa ryonyene. Aho rero uzosanga amabi yose n’ayo bo nyene bakoze bayata kuwo basubiriye canke abandi badasangiye imirwi (ubwoko,ivyiyumviro,urukoba…). Haca haba umuco wo kwiyeza bakigira bo ko ari beza cane kurusha abandi maze ikosa rikama rivugwa ku bandi. Ni aho uzokumva agakomye kose muri Afrika babita ku bakoroni bera n’abo ngo bakorana mama, ku babanyi, ku batutsi hano iwacu. Ivyo mbere biravyura n’urwanko rw’akaranda ruheza rukavamwo akarambaraye nk’ivyabaye muntambara z’amoko zagiye ziraba canke aho hakurya mu Rwanda 1994 aho abahutu basasitse abatutsi. Ikibabaje ni uko abantu batabirwaniriza hafi ngo ibara ntirirwe.
Mu bisanzwe ukwinegura niwo muco utuma umuntu ahinduka, agahindura agatera imbere agategura na kazoza. Uhereye ku ntwaro z’abagiriki ba kera aribo batanguye gukoresha cane intwaro za rusangi kandi z’ubwenge bakamurikira abandi bakoresha umuco wo kwisuzuma. Mwibuke abafilozofe nka ba Platon yasubiramwo ijambo rikomeye nyurabwenge « Banza wimenye ».(Connais-toi toi même)

Abahinga b’abanyabwenge bakomeye nka Yezu, ba Jean Jacques Rousseau, mbere na ba sogokuzuza basanze kugira umuntu atere imbere abanza kwisuzuma kugira atere imbere. Ariko uwo muco wo kwisuzuma ntawukiriho muri Burundi bwacu.

Abantu beshi bihutira kurondera uwo batako ivyabananiye canke amakosa yabo. Gushika ubu abantu barahiganwa mbere n’incabwenge zikandika kugira bame basigura ko Afrika igituma idatera imbere ari abandi mbere bakanaronka n’isinzi ry’abantu ribakurikira kuko muri rusangi abantu barakunda umuntu aza kubeza umutima ababwira ko bo atamakosa bagira (décharge morale) nk’uko umenga abantu bakubwiye ngo ntiwakosheje ahubwo hakosheje uwundi kandi uzi ko babeshe ari wewe vyose uwabikoze bimuha amahoro kandi wewe azi ivyo yakoze

Kuri iyo mvo rero umenga kirazira ko hari uwuvuga amakosa abanyafrika canke abarundi bamye bakora n’abazungu bataraza. Oya ni kwama tuvuga ko vyose vyera atangwano zariho, ko atakarenganyo kariho, ko atamoko yariho, ko atanzara yariho, ko atakibi na kimwe cariho. Wihenze ugasa n’uwubivuguruza kandi ugatanga n’ivyemezo sindamusiga aho kukumviriza uca witwa uwataye umuco, uwaguye igihumura kubera igikoroni n’ibindi.

 Mu ncamake kirazira kuvuga ko aha iwacu hari ikosa ahubwo ni kuvuga ko vyose biba vyera iyo ataba abakoroni….canke uwundi(bouc-émissaire). 

Mu gabo ikibazo mbaza none ko abo bazungu batakiriho basi ngo bame badutegeka kuri vyose ko atanakimwe kigenda neza. Imyaka 60 igira ihere vyaratunaniye ko twokwitunganya no mu tuntu basi dutoduko? 
Ico twibagira ni uko n’abo bazungu baciye mu ngorane zikomeye aho habaye ingwano, guterwa n’abandi, kugwana kugira bikureko abari babacinyije n’ibindi ariko bakabivamwo n’ingoga bakabandanya ubuzima baraba imbere. Aho mbere usanga uwahora abacinyiza yarabaye soma mbike kuko bobo bagenda baraba ibihe kandi ikintu cose bakaciga bakaraba ico cabigishije nico bokuramwo. Ndabizi ko aha beshi wobibabwira boca bansamira hejuru ngo navuze neza umukoroni kandi ariwe mubi mubisanzwe atarivyo. Igikuru ni kwama twibaza mbega iciza cokungukira abarundi ni ikihe muri iki gihe? Ni ikihe kizotuma tudasubira mu ndyane? Ni igiki twokora tukagira ukwikukira gukwiye 100%, umurundi wese ubu gushika kubo tuzokwibaruka? 
Ni bande bodufasha ubwo bumenyi bwotuma twigenga? 
Ku bwanje ni ahanyu mwe mukiri bato kubandanya mwigira aberanda canke kwiraba mu cirori mu karaba neza ikibereye n’icofasha abarundi bagatera imbere vy’ukuri ata mwana n’ikinono. Aho niho ngeza ngira ndakwishuye neza mu cirwa nakuye mu kwikukira.

ND. P: Urakoze canke mutama.

Yohani: Urakoze nawe kibondo biraryoshe kuganira n’abakiri bato bifuza kumenya uzobandanye ushishikara uzomenya vyishi bitanditswe kuko si vyose bitanditswe. Hari n’ivyo bandika ntibije ahabona iyo bidahuriranye n’ukuri kw’ababa bategeka. (Agatwengo)

Inyuma y’aho nganiririye n’uyo mutama amajambo yambwiye yarankozeko arampindura aranyigisha gushira ibintu mu kiringo c’avyo no kwiraba mu cirori kugira ntore neza ikibereye.

Ndikumana Pascal