Kur’uyu wa 21 nyakanga 2021, Jean Bosco Ndayikengurukiye, yahoze atwara umuhari CNDD ukiri mw’ishamba imbere yo kuba umugambwe CNDDFDD, uri kubutegetsi, yatashe mu Burundi inyuma y’imyaka itari mike ari mu buhungiro.
Uwo mutegetsi bivugwako yaramaze imyaka itatu yirukanywe mu gihugu c’ububirigi yagirizwa kuba yoba yaragize uruhara mubwicanyi bwahitanye abatutsi barenga amajana atandatu bari mw’ikambi y’impunzi i Bugendana muntara ya Gitega, hamwe n’abanyeshure 40 b’abatutsi biga mw’iseminari y’i Buta bose bivugwa ko bishwe n’umuhari yararongoye ari nawo wahavuye uba umugambwe CNDDFDD uri ku butegetsi.
Jean Bosco Ndayikengurukiye akaba yakiriwe neza n’imiryango yiwe i Bujumbura ariko akaba yashitse acungererwa ubuzima n’umusoda w’umubirigi n’ubwo ububirigi bivugwako bwamwirukanye.
Twobamenyeshako yatashe avuye mugihugu c’ubuganda aho yari yagumye arindiririye urusha rwo gusubira mu Burundi.