Burundi : Rya tegeko ryo kugaburirira inka mu mpongore rigira ritangure gushirwa mu ngiro

Burundi

Mu mwaka wa 2018 reta y’uburundi yarashinze itegeko  ryo kugaburirira inka mumpongore rikaba rigira rije mungiro mur’uku kwicumi 2021 hari abanyagihugu batarisiguriwe neza ngo bitegure, hari n’aboba bibazako reta ishaka kunyaga amatongo yabo kuberako iriko iraryihutisha kurishira mu ngiro.

Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako n’ubwo muntango z’ukwezi kw’icumi iryo tegeko rizotangura gushirwa mungiro, atakirakorwa kugira abanyagihugu batahure uwo mugambi. Hari n’abataramenyako gutegura ama paddocks navyo vyemewe n’amategeko: Uburagiro butoya buzitiwe aho inka zishobora gutembera zikavyagira hatari munzira ngo zishobore kwandura ingwara zivuye hanze.

Abajijwe n’ikinyamakuru Itara Burundi ivy’inyandiko baheruka gusohora kw’izina rya CAVIB asanzwe arongoye kubijanye n’iryo tegeko ryo kuragirira inka mumpongore, Umushingwamanza Gustave Niyonzima avugako iryo tegeko rikora kubutunzi bw’abanyagihugu kandi batagishijwe inama kandi uburundi bwarasinye kumasezerano mpuzamakungu abusaba kwubaha ubutunzi bw’abanyagihugu. Avugako iryo tegeko ari ryiza ariko rije giturumbuka, ishirwa mungiro ryayo ryihutishijwe cane bikazotuma hari abohava bicura ko reta igongomba kunyaga amatongo yabo.

Mur’urwo rwandiko mw’ishirahamwe CAVIB basaba abanyagihugu kuja hamwe bakagira amashirahamwe y’aborozi kugira bashobore kwigishanya uko bokworora kijambere, reta nayo bayisaba kubangira gushira mungiro iryo tegeko kugira ibanze yihe ikiringo nk’ic’imyaka itanu co kwigisha uwo mugambi, abanyagihugu nabo bagahabwa ijambo mw’itunganywa ryawo. Barasaba abagiraneza bafasha uburundi gushira inguvu mukwigisha abanyagihugu kworora kijambere.

Hari abanyagihugu batari bake bariko baragurisha abandi bagahungisha inka zabo kubera gutinya amande bazotangishwa bafashwe baragiye kumisozi.